IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi ryatanguje ihuriro hayanishwa

Ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi ryatanguje ihuriro hayanishwa

jeudi 14 juin 2018

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iryo huriro hayanishwa, Olivier SUGURU arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB, yamenyesheje ko iryo huriro hayanishwa rizofasha amahinguriro yo mu Burundi n’ayo mu karere kuja ahabona no kumenyekana mu bafasha mw’iterambere.

Olivier SUGURU arongoye AIB, yavuze kandi ko, iryo huriro hayanishwa rizofasha amahinguriro yo mu Burundi gukomeza ubucuti hamwe n’amahinguriro yo mu karere, guteza imbere no gukomeza ubucuti mu bijanye n’ubudandaji mu karere.

Umukuru w’ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi AIB, yavuze kandi ko ishirahamwe arongoye rikorera mu bisata vyo guhingura ibifungurwa, impapuro n’ibindi bikorwa mu mpapuro, ibikoresho vyo kwa muganga, ibikorwa mu biti, ibikoresho vyo kwubaka, ivyuma hamwe n’ibindi.

Olivier SUGURU asaba abarongoye igihugu gutoza amategeko ahana abigana ivyakozwe n’abandi nk’uko biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, bashireho kandi intumbero y’igihugu ijanye n’amahinguriro, hashirweho kandi urwego rw’ibiganiro hagati y’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi n’ishirahamwe AIB.

Ibirori vyo kwugurura iryo huriro vyari vyitabwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE, umushikiranganji w’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi.

Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi ryatanguye gukora kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2010, rikaba riri mu mashirahamwe yatanguje ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza Ko U Burundi Bwoguma Butera Imbere ! Ahubwo Barondere N’iyindi Migambi Kuko Abakozi Turiho Twahejeje Amashure ! Turabuze Ico Dukora Natwebwe. Ntakuba Ngaho Umengo Ntaco Uri. Ni Bagerageze !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.