IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Lumitel Burundi yashikanye igisata ca internete 4G mu Burundi (...)

Lumitel Burundi yashikanye igisata ca internete 4G mu Burundi bwose

vendredi 23 février 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, NGUYEN HUY TAN, icegera c’umuyobozi mukuru wa Lumitel yavuze ko Lumitel ishika mu bice vyose vy’igihugu,abarundi barenga imiriyoni 2 n’ukuvuga ibice 55 kw’ijana vy’abarundi bakaba bakoresha umuhora wa Lumitel.

Icegera c’umuyobozi mukuru wa Lumitel yavuze ko bakoze cane kugira hajeho igisata ca Internete 2G na 3G, kandi babandanije gushika bashitse ku gisata ca internete 4G.

Yavuze ko Uburundi buri mu bihugu bike bikoresha igisata ca internete 4G kw’isi, kandi hari ibisata vyinshi bigiye gutanguzwa, mu ntumbero yo gukoresha igisata ca 4G.

JPEG - 161 ko
NGUYEN HUY TAN, icegera c’umuyobozi mukuru wa Lumitel

Ati :« Ibihugu vyinshi kw’isi ntibifise igisata ca 4G nk’Uburundi. Tugiye gutanguza ibindi bisata vyinshi bijana n’igisata 4G, biza kwishura ugushaka n’ivyipfuzo vy’abanywanyi bacu. »

Ku ruhande rwiwe, NGUYEN TUNG LINH arongoye igisata kiraba ibijanye n’ivyo ishirahamwe Lumitel rishikiririza abanywanyi baryo, yavuze aho ibikorwa vya Lumitel bigeze mu bijanye no gushikira abanywanyi.

Yavuze ko naho Lumitel iriko irakora cane, Uburundi bukiri inyuma mu bijanye no gukoresha ubuhinga bwa none, kuko abarundi 600000, n’ukuvuga ibice bitanu kw’ijana gusa, aribo bakoresha ubuhinga bwa Internete.

NGUYEN TUNG LINH asigura ibintu bibiri bituma mu Burundi ubuhinga bwa Internete budakoreshwa cane, nko mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

JPEG - 163 ko
NGUYEN TUNG LINH,arongoye igisata kiraba ibijanye n’ivyo ishirahamwe Lumitel rishikiririza abanywanyi

Ati :« Ica mbere n’uko ata bikoresho n’uburyo bikwiye bihari bituma internete ikoreshwa, ica kabiri n’uko abarundi ubwabo ata buryo bukwiye bwo kugura ibikoresho bikoreshwa kuri internet nka terefone ngendanwa canke imashini nyabwonko. »

NGUYEN TUNG LINH asigura ko ivyo bibiri, ari ikibazo kuri Lumitel no ku barundi, kuko Ishirahamwe Lumitel risanzwe rikorera mu Burundi.

Uwo ajejwe ibikorwa bishikira abanywanyi avuga ko ibitari bike bimaze gukorwa aho ubuhinga bwo gushikana internet Fibre optique bumaze kwubakwa ku birometero 3300 mu Burundi, harubakwa ama antene 615 akoreshwa n’igisata 2G, ama antene 228 akoreshwa n’igisata 3G, hamwe na antene 112 zikoreshwa n’igisata 4G.

Mu bigiye gukorwa, NGUYEN TUNG LINH yavuze ko vyose bias n’ivyakozwe, ahubwo hasigaye ko bishirwa mu ngiro.

Ibirori vyarangijwe no gutanga utuganuke tugizwe na terefone ngendanwa ikoresha igisata ca interenete 4G ku banywanyi batowe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.