IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > NIZIGIYIMANA Karim Mackenzie agiye kwubaka biciye mu mategeko

NIZIGIYIMANA Karim Mackenzie agiye kwubaka biciye mu mategeko

jeudi 22 mars 2018

NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie azosezerana imbee y’amategeko kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018, mu gihugu c’Urwanda, ari naho azoba n’umuryango wiwe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie na MUTUYIMANA Nadjma bamaze umwaka n’igice bakundana, kandi ko bafitaniye n’umwana w’umuhungu.

NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie yabwiye ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko ata bidasanzwe umukunzi wiwe MUTUYIMANA Nadjma yisangije, ariko ko bahuje bafata ingingo yo kubana.

Yavuze ati :« Ni igihe kiba kigeze, birumvikana umuntu aba yarahuye na benshi ariko hari uwo ubona ugafata ingingo. Sinovuga ko hari ibidasanzwe kuri Nadjma ariko twarahuje tunafata ingingo yo kubana. Tumaze umwaka n’igice tumenyanye twanagize umugisha tuvyarana umwana, urumva ko ubu turi umuryango. »

NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie asanzwe akina mu kibanza c’inyuma ku ruhande rw’iburyo, yarakiniye imirwi itandukanye yo mu Rwanda no mu Burundi, nka APR FC, Kiyovu Sports na Rayon Spona Vitalo wo mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.