IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Tugeze ku yindi ntambwe yo guteza imbere igihugu’’-Evariste NDAYISHIMIYE

’’Tugeze ku yindi ntambwe yo guteza imbere igihugu’’-Evariste NDAYISHIMIYE

vendredi 27 avril 2018

Mu gihe kur’uno wa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018, umugambwe CNDD-FDD wahimbaza imyaka itatu iheze ushize imbere umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze ko abarundi bokwumva impari za poritike, kuko umwe wese afise ivyiyumviro vyiwe vya poritike.

Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yavuze ko ico yari yaje gukora mu buzima bw’igihugu yamaze kugishikako, kuko yaje kubuza ko haba ubutegetsi budaciye mu matora, ivyo navyo bikaba vyagaragaye mu mwaka wa 2015, aho abashatse gutembagaza ubutegetsi vyabananiye kuko inzego zavuye mu masezerano ya Arusha zakoze neza.

Evariste NDAYISHIMIYE aramutswa umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu,asigura ko Uburundi butakiri aho bwari, kuko bugeze ku yindi ntambwe, haba mu bijanye n’ukumenya ico buri n’ico bushoboye.

JPEG - 59.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Ati : « Ntitukiri ku ntambwe abantu benshi biyumvira ko turiko. Tugeze ku yindi ntambwe yo guteza imbere igihugu. »

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, agahamagarira abarundi kutagir agatimatare.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ivyo nukuri igihe co gushihana carahez ubu nykwijukira iteramber gusa ibidusamaza tubigir umuziro

  • Andika hano nimubandanye ibikorwa twebwe abarundi tugomba amahoro hama imana ibaje imbere mubikorwa vyanyu.

  • Bwana Evaliste afise ubwenge cane. Nkunda uko asobanura ibintu Imana umuhezagire !

  • Ahubwo nizo mpari iyo zivanwaho kuko nizo zishabora kuzana nindyane,kuko turumva kenshi abataba banyurwishijwe murizo mpari iyo zaramutse ziba nko mubasangiye umugambwe canke mumigambwe itavuga rumwe ko aribo kenshi usanga bavuyemwo abatera ubujagari butandukanye mugihugu cacu nko muvyo duhitiye turabona vyanatumye haba abarundi benshi basubiye kukigwa inyuma kugeza nubu.Ariko simvugiyi uko kubuza impari ko zoba miri poritike ahubwo kurabako ziba mukuri nimukomere kwibanga mudusesekarize amahoro mugihugu Imana Ibafashe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.