IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI wongereje ikiringo co gutora amarakata y’itora

Umurwi CENI wongereje ikiringo co gutora amarakata y’itora

lundi 14 mai 2018

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho bibonekeye ko ikiringo cari catanzwe caheze kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Rusama 2018, caheze hari abataratora amakarata yabo.

Pierre Claver NDAYICARIYE avuga ko ico gikorwa muri iyi minsi yongerejwe kizoba kuva isaha imwe n’igice y’igitondo gushika isaha icumi n’igice, mu gihe mu kiringo giheze baheza isaha icumi n’imwe z’umugoroba.

Ku batazoronka amakarata yabo y’itora, umukuru w’umurwi CENI amenyesha ko abo bazoshobora gutora, ariko berekanye udupapuro twemeza ko biyansikishije, hamwe n’ikarata karangamuntu bakoresheje umunsi biyandikisha.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kuwa kane, igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.