IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abana barenga 1200 nibo bamaze guheba ishure muri uyu mwaka w’ishure (...)

Abana barenga 1200 nibo bamaze guheba ishure muri uyu mwaka w’ishure 2012-2013

samedi 9 Munyonyo 2013

Umuyobozi mukuru w’ubuyobozi bw’inyigisho z’amashure y’intango mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye, Anatole Niyonkuru yamenye ko abana bagera ku1246 aribo bamaze guta amshure muri uwu mwaka w’ishure 2013-2014 na cane cane ku mvo y’ubukene mu miryango yabo.

Niyonkuru Anatole mu gihe yariko arakira ivyavuye mu bikorwa vyo kumenya abana bakora hamwe n’abaheba amashure yabo (ESTAS enfants en situation de travail et d’abandon scolaire ) ibikorwa vyakozwe guhera kuwa 18 Myandagaro gushika kuwa 16 Nyakanga 2013 mu gihugu cose, mu gihe hari isekeza bitiriye "garuka utsimbataze ishure nshingiro" (Back to school) yamenyesheje ko kugira abo bana bashobore kubaho baca baja gukora ubuzi butuma badasubira mu mashure.

Ivyo biharuro vyerekana ingene ibintu vyifashe nabi, niko Niyunkuru yongeyeko ko abategetsi b’Uburundi bahagaritswe umutima cane n’ukuntu abana baheba amashure gose, bagaca baja gukora ubuzi. Kuri iyo mpamvu , abarekewe bose n’igisata c’indero ngo bariteguye, gushirahamwe inguvu zabo zose kugira barabire hamwe ico korwa.

Abayobozi b’amashure nabo ko iheza ry’ishure shingiro rihera neza. Umuyobozi mukuru Niyonkuru yamenyesheje ko ico cirwa co kuraba aho ibintu bigeze, kugira bige ingene abo bana bosubira mu mashure mu mwaka wa 2013-2014. Ku bwa Godefroid Ndayisaba, umuhinga yari arongoye ivyo bikorwa afadikanije n’ikigo unicef basanze ahanini abo bana baheba ayo mashure ku mvo z’ubukene mu miryango yabo.

Ariko rero uwo muhinga yaribukije ko ku rupapuro rw’inzira bemeranije mu nama i la Haye mu mwaka wa 2010, imenyesha ko ama Leta ari yo ya mbere mu gukurikiza mu kwubahiriza amabwirizwa agenga abana nka cane cane ko hari inyigisho ku bana bose hamwe no gukuraho uburyo bwose bwo gukoresha abana.


Floxella Karire

Messages

  • «Abana barenga 1200 nibo bamaze guheba ishure MURI UYU MWAKA W’ISHULE 2012-2013 »
    Jewe nibazako bimwe bimwe muvyandika mwaborewe!

  • Ba mwandika hanyuma musabe abandi babafashe gusoma ivyo mutanga!
    Nagira turi 2013-2014

  • Akamo notera leta kuri iki kibazo twese turaba kikaturaba nuko amakomine yo nyene yoba independantes kugira yihanganire bimwe biboneka ibibazo vyo mu mibano kuko sivyo gusa.Muri kirundo twebwe abantu basigaye babahamba muhira ..!!!None utagira urugo we azohambwa he???
    Abana bava mu mashure kuko abavyeyi bakenye ico barya ariko n abandi bahevye imiryango ugasanga umugore niwe araba abana kandi nawe atako ari..!!!

  • ico nokebura l`etat y`uburundi nuko yotunganya neza ibisata vy`amashirahamwe n`akazi kubarangiza bakabona akazi,hari benshi bicaye batagira akazi bigatuma bamwe biga bacika intege bati abandi babuze akazi tweho tuzaba abande? Nironse akazi kubarangije kwiga,ataruko ingorane zizokwiyongera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.