IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura: Ukwiyerereza kw’abanyeshure mu mabarabara kubandanya (...)

Bujumbura: Ukwiyerereza kw’abanyeshure mu mabarabara kubandanya kwibonekeza

jeudi 14 Munyonyo 2013

Abatari bake mu bavyeyi baranegura ingendo y’urwaruka rumwe rumwe rwiga mu mashure y’abikorera utwabo mu gisagara ca Bujumbura, mu mwanya w’amashure urusanga mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura ruriko rurayerera, canke ukarusanga mu mazu y’ubunywero abandi bariko bariga.

Abanyeshure rero bafise ingeso mbi zo guta ivyirwa bakaja mu bintazi, bakaba baratoye n’ubundi buhinga, aho mu dusaho tw’ibikoresho vy’ishure vyabo usanga harimwo izindi mpuzu, canke bakambarira ku zindi mpuzu, ku buryo uwubabonye wese bariko bariyerereza, atobaca amakanda, ngo bibaze ko ari abanyeshure bo mu mashure yisumbuye.

Umwe yaririmba ko kazoza keza katari mw’ibarabara, kazoza keza katari mu kuyerera, ati kazoza keza kari muri iyo kaye nyene, abanyeshure bafise ako kageso barakwiye kumenya ko ivyari i Magera vyageruye, utize ataco uronka nk’uko bimenyeshwa na Yakobo Ntimpa, umuvyeyi twayaze, igihe abanyeshure hari uruja n’uruza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, benshi muri bo bambaye impuzu z’ ishure.

Uyo muvyeyi rero akaba yasavye abarezi, abavyeyi n’abajejwe intwaro gukurikirana rwose ikibazo c’abana bata amashure bakaja mu bintazi. Izija guhonga ngo zihera mu ruhongore nk’uko Ntimpa abandanya abivuga, ku bw’ivyo rero akaba asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ko nka kurya yafashe ingingo yo gutuza abadandaza umubiri bari bagisibije mu mabarabara y’igisaggara ca Bujumbura, ariko yofashanya n’abarezi bo mu mashure, bagatuza ubwo buhumbu busa n’uburiko burarenga inkombe mu bana babanyeshure.

Mu gihe abo banyeshure nyene hari abitwaza ko birukaniwe amahera y’ishure canke bakirukanwa kubera bacerewe, abarezi basabwa ko imbere y’uko birukana umwana, hoba ukubanza kubibarira abavyeyi biwe, gurtyo iyitwazo vyo kuja mu ngeso mbi bigatuzwa burundu mu banyeshure, umuvyeyi nawe aho ari mu hira akamenya ko umwana wiwe atize.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.