IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Edouard NDUWIMANA yemeye ko MSD iri muri ADC IKIBIRI

Edouard NDUWIMANA yemeye ko MSD iri muri ADC IKIBIRI

samedi 28 Ntwarante 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yandikiye umukuru w’urunani ADC IKIBIRI, yemera ko umugambwe MSD wemewe muyigize urunani ADC IKIBIRI. Muri MSD bavuga ko iryo kete rya Edouard NDUWIMANA ari ugusamaza, bakamenyesha ko umugambwe MSD uzotanga intonde zawo

Inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yaheruka kumenyesha ko umugambwe MSD utari mu migambwe igize urunani ADC IKIBIRI, yitwajije nk’uko vyavuzwe na Fransisko Nyamoya umunyamabanga mukuru wa MSD, ko ikoraniro ry’uwo mugambwe ry’i Ngozi riterekanye neza namba uwo mugambwe uri muri urwo runani, akongera agafatira kw’ikete ry’uwo mugambwe MSD ryoba riterekanye neza ko uwo mugambwe ugiye hamwe n’iyindi muri ADC IKIBIRI, Edouard NDUWIMANA umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yemeje ko umugambwe MSD uri muyigize urunani ADC IKIBIRI.

JPEG - 65.3 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mw’ikete nimero 530/511/CAB/2015 Edouard NDUWIMANA yandikiye umukuru w’urunani ADC IKIBIRI, yamumenyesheje ko yisunze ikete umukuru w’urwo runani yamwandikiye amumenyesha ko umugambwe MSD uri muri urwo runani, ubushikiranganji arongoye nabwo nyene buvyemeje, naho Edouard NDUWIMANA avuga ko uwo mugambwe utigeze werekana ugushaka kwawo kw’ukuja ari muri urwo runani. Nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabimenyesheje muri iryo kete, kugira yirinde aborondera izindi mvo muri ukwo kutemeza ko MSD iri muri ADC IKIBIRI, yafashe ingingo yo kwemeza ko uwo mugambwe MSD, hamwe na PARENA, iri muri urwo runani, kuko avuga ko ata ngaruka n’imwe mbi abibonamwo.

Fransisko Nyamoya umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD amenyesha ko iryo kete ry’umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ari ugusamaza, kuko ridahindura iryo yari yanditse ubwa mbere avuga ko atemera ko MSD iri mu runani ADC IKIBIRI.
Mw’itangazo umugambwe MSD wari wasohoye imbere y’ifatwa ry’iyo ngingo y’ukwemera MSD muri ADC IKIBIRI, Fransisko Nyamoya umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, yari yamenyesheje ko ibivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari ivyitwazo, kuko muri uwo mugambwe bemeza ko bamwandikiye ikete bisigura kandi bamubwira ko bari mu runani ADC IKIBIRI, ariko akaba atigeze aryishura, bikagaragara ko adateze kwemera ko amategeko abaha muri MSD uburenganzira bw’ukuja mu runani ADC IKIBIRI.

Tubamenyeshe ko umugambwe MSD umenyesha ko uguma ku ngingo wafashe y’ukutazojana na ADC IKIBIRI mu matora, Fransisko Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe akamenyesha ko bafashe ingingo yo kwitegura ukwabo, uwo mugambwe ugatanga wonyene intonde z’abazoserukira MSD mu matora y’abashingamateka hamwe n’ay’abahanuzi b’amakomine, ariko mu matora y’umukuru w’igihugu muri MSD na ADC IKIBIRI bakaja hamwe, bagatora umwe azoserukira urwo runani mu matora y’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nkumurundi akunda umwumvikano mubantu ndashigikiye ico ciyumviro umugambwe MSD wafashe kuko urumva neza ko gifise inshingiro yo kwubaka.
    - uyo Eduard nawe namaramarire k,umusozi ubu niho akibona ko atangorane vyotera
    - yararindiriye ngo avyerekwe canke abirote kugira avyemere?
    - canke yafashe ingingo atabanje gusoma ivyanditse ngo abitohoze?
    Nicogituma nama mvuga abo bantu baha ubutegetsi batabukwiye,mbe babakura hehe?
    - ubwo uri umushikiranganji wofata ingingo ukayishikiriza abo yega hama hadaheze n,iminsi atanibimaramare ngo nasanze ataco vyokwonona
    - mbe ivyo avuga vyokwononekara vyononera inde?
    - hari itegeko gayemwe rirekurira umushikiranganji kubwira umuntu ngo wewe wokundana na naka canke naka?
    - ukwiyunga si ukubisaba iyo abantu bumvikanye bagahuza ntibarenge amategeko bashobora gukorera hamwe
    Nama mvuga nti igihe kirageze ko AGAFU GAHENERA IGIFU,ivyo bimaramare rindira abarundi tubamaramaze imyaka wamaze ga Eduard usambura imigambwe yabandi,none ubu vuga kumaradiyo utubwire vya CNDD FDD navyo ivyabandi ko wama witaye imbere ivyo vyovyo ko ataco uvuga?
    Mbe wize gusambura gusa?ivyo gushiramwe bavyize wasivye kw,ishure?abo ba MSD na ADC bareke ntibikuraba tubwire ivya ba DD nivyo dushaka ivyobindi ntibikuraba

  • turakwubah arik
    worek gutotez aband wogir ubushingantah buruta ubwo ufis.

  • Emwe, mbega yaramaze iminsi mubiki ko tutari duherutse kumva amafuti yiwe?

  • Mbega awemerera kubera iki? Abagabo ntibanganya amagara, nagume awukumira tuzoraba iyo biherera arahenda....atize.

  • 1. Wakoze Me Francois kutagwa muri uwo mutego wa Doudou.
    2. RANAC. Rwasa et Nditije qui me lisent. Ne perdez plus votre temps.
    2.1. Allez en elections comme Independant. N.B. Juridiquement, Umu Independant arashobora kwiyita izina atari son nom de famille. Exemple: Dushayure Uburundi. Exemple 2: Rufyikiri Isidore arashobora kwiyita: Tunagure Ubutungane. Ajanye ama listes yiwe muri CENI, avuga ati jewe Rufyikiri Isidore nshaka kuja mu matora nkuwigenga. Izina ryanje n,abo turi kumwe kuri aya ma listes FC01 (communaux) et FD01 (deputes), twitwa: Tunagure Ubutungane. RANAC rero si ukuvuga une coalition de partis politiques. RANAC ni izina/icivugo cumu candidat independant. Nze ndabe ko Ndayicariye yanka ama listes yanyu. Niyaba Nduwimana yaramaze guha iryo zina Minani, mu mwihoze, mutore irindi. La suite est plus importante:
    2.2. Preparez des listes electorales VRAIMENT strategiques. a) Il y a des hommes et femmes integres du FNL independant dans les provinces. Capitalisez sur eux. b) Meme chose pour les Upronistes provinciaux. Cane cane ntimwibagire les jeunes.
    2.2. Innovez dans vos listes. Vous devez nous surprendre. Nous voulons des listes Waaahhhhh.
    2.3. Vous ne realisez pas combien Doudou nous a rendu un grand service en nous privant de nos partis. Nous sommes dans une position tres confortable pour ratisser large. Concretement: Dukeneyemwo ba Pacifique, ba Faustin Ndikumana, ba Rufyiri Gabriel, ba Pierre Claver Mbonimpa. Aba bose mvuze naho boba bari mu yindi migambwe, vyoborohera kuja ku ma listes y,umurwi wa aba INDEPENDANTS kurusha kuja ku ma listes y imigambwe. Kuko ces listes disparaissent apres les elections. Bakaca basubira mu buzi bahoramwo.
    2.4. Namwe Pacifique nabo bandi mvuze. Ne vous faites pas trop prier. Ca serait la plus grande erreur historique si vous decliniez cette main tendue (en esperant ko bazobatumako abashingantahe pour vous convaincre de sauter dedans). Le groupe des Independants niyo yonyene qui peut rendre cette revolution possible. Kuko ivyo mi migambwe birazitiye. Restez donc a l ecart des partis. Twese tuje muriyo mouvement pour le changement. Ivya imigambwe mube muravyihoza mwese.
    3. Mperaheze nsubira gutera akamo ubwa nyuma Gerard Nduwayo nabo bari kumwe: sortez de cette aberration Sindimwo. Rejoignez le camp Nditije. Le ministre de la jeunesse et culture a ouvert la breche. Je salue son realisme. Sautez de ce navire avant de sombrer. Nimwaja kwa Nditije na Rwasa, abanywanyi ba Jacques Bigirimana bazoca bakwirikira. Cane cane ko ata nudufaranga bafise two kugira ama dossiers. Narumiwe ejo Jacques asavye PNUD amahera yo kugira ama listes des candidats. Hasigaye ko asaba papier de toilette (niyaba ayikoresha). Comme si ce n etait pas assez: il s en est pris aux FNL Independants. Abahora ko bari independants; bikwiyee; badasega, barya bike bakaryama kare. Lui est un eternel mendiant. Meme en periode electorale. Mwumva nkuwo ashobora gutunganya ivya igihugu gute adashobora no gutunganya agashami ku mugambwe (na kone ka akibano) ngo kaje mu matora naho ataco kazotorayo? Tragique! CNDD-FDD izobarihira ces frais de dossier kugira bayitore. Aba FNL bo mu mugina uko tubazi ntibemera akagaye. Jacques risque de voir son bateau sombrer comme selon de son poulain DD.

  • Mbega Edward ntaramenya ivyabaye muri CNDD FDD hamwe asega ? Kuberiki avuga ibitamuraba kandi hariho ibimuraba?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.