IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Pascal Kakana : Kaminuza y’Uburundi si ikibuga ca poritike

Pascal Kakana : Kaminuza y’Uburundi si ikibuga ca poritike

lundi 25 Munyonyo 2013

Abigisha bahurikiye muri sendika STUB y’abo muri kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko badashobora kwitaba inama yatumweko n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi mu gihe iyo nama yotumirwamwo n’abanyeshure.

Kuva aho bivugiwe ko, urwego nshingwantwaro rufatikanije n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza bahereye akazi abigisha amategeko araba itangwa ry’akazi abanje guhonyangwa, Pascal Kakana arongoye sendika y’abigisha aho muri kaminuza akaba avuga ko hamwe ibijanye n’iryo tangwa ry’akazi bitosubirwamwo, biteguriye gufata izindi ngingo kandi zikomeye, na rirya abigisha umunani kuri 11 barongoye ibisata bitandukanye aho muri kaminuza basohoye icanditse, aho basaba umuco kuri iryo tangwa ry’akazi. Muri iki gihe rero uwurongoye igisata c’amategeko hamwe n’uwurongoye igisata c’ubutunzi, bakaba baja baramaze gutanga imihoho, eka n’abandi bakaba bari inyuma nk’uko Kakana abandanya abivuga.

N’ayo ku bw’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, akaba yavugiye mu kiganiro uterera iki co kuri RPA ijwi ry’abanyagihugu ko ibivurwa ko boba bakoresheje akamwana wa mama mu gutanga akazi canke bakihengekera kubari mu mugambwe CNDD FDD, ko ari ikinyoma cambaye ubusa, avuga ko hakurikijwe amategeko, mu gihe abo muri sendika bemeza ko bimye akazi abari mu bambere, bagasimbira ku bantu bari ku rutonde rwa nyuma. Kakana Pascal agatanga akarorero ko hahawe akazi uwugira 13 ku rutonde afise amanota 67,5 basimba abari bafise amanota 70 kw’ijana.

Pascal Kakana rero akaba avuga ko kaminuza y’Uburundi atari urubuga rwa politike kandi ko n’inama y’umushikiranganji batageza kuyitaba, mu gihe abo bigisha bipfuza ko ibibazo vyabo vyovugirwa mu nama y’abigisha gusa, bikanurwanurwa ko hoba hari umugambi wo gutumira n’abanyeshure. Kakana ati ’’vyohava biba nabi, mu gihe twohava dukurana agahuzu imbere y’abanyeshure’’ ari naco gituma tutipfuza kugirana inama n’abanyeshure n’umushikiranganji yerekeranye n’itangwa ry’akazi ku bigisha.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abashingantahe, abakenyezi biburundi bakunda Politiki. nuguhamara amakungu akabubakira ikibuga kinini kugirango muyikore neza mudahonyanga amategeko

  • Politique itegerezwa kuba mu rwego nka Kaminuza y’igihugu. Kuva kera na rindi nikwo vyamye. Abo bigisha nyene bariko baranana nibampinyuze bavuge ko kubona ama kaminuza yose yo mu Burundi utosangamwo abigisha b’abahutu basaga ibice 15%, nibabitangire insiguro iboneka bisunze amategeko.

  • nibahenyene abashiririyenakarenibobagwaniyigihugu.

  • umuntu yitwa Rama avuga nkuko yandika ..Nta jambo ryanditse neza n iciyumviro ntaco ,,Nta soni ngo abarwaniye igihugu !!!Muri universite higisha incabwenge nta moko ni bi dd bijamwo..Zana ba Rufyikiri nizindi ncabwenge murabe ,,,dukeneye creme nta bikumbi..

  • Iyo nigarukambi ya politike yakera yabaye kugisata c’indero,abo banka ihinduka muri kaminuza y’uburundi nibo babivye ako karanda ko gukumira abahutu canke kava ntara mura kaminuza,none batinyiki aribo babigize?

  • Gaston na Nduwimana ni ukuraba igihomoka babitirira!

  • Igihugu gitera imbere iyo kirimwo incambwenge nyinshi.
    Mugihe itangwa ry’akazi,haba kaminuza canke n’ayandi ma entreprises,ryoba kubabifitiye ubushobozi,nukuvuga abafise ubumenyi gusumba abandi,hatarabwe ubwoko n’umugambwe be n’intara,gihugu nticoreka guhavya ibihugu rutura kw’isi mu vyubutunzi.
    Ahubwo,nibaza ko indongozi zoba zifise iyindi ngorane canke intumbero zishaka gushikako.
    Kuronka akazi ngo n’uko uzi kuririmba ururirimbo rw’umugabwe,iryo sibara;:n’’udukoko two mwishamba utwigishije kuririmba,dushobora natwo nyene kubimenya.
    None ga bayo,dusumbwa ubwenge n’ibikoko canke ni iyindi ntumbero abatwara bashaka gushikako????
    Ivy’indero vyo,nagahomera bunwa.
    Haba mu mashule mato,ayisumbuye gushika muri kaminuza,hakwiye kwigisha abasohoka ba mbere kandi babifitiye ubushobozi(impamyabushobozi ziri imbere y’izindi).
    Ndetse akaba ari nabo baronka n’agahembo(salaire net) kaboneka gusumba umukozi wese wa Leta unahereye ku mushikiranganji.

    Ivyo kuvuga vyovyo ngo kwiga ku busa(ku buntu),aho nukuhitondera kuko,burya wiga ku busa,ugatahukana ubusa,ukavamwo ubusa.

    Mwibaza ko ibi tubona bigumye gutya,inyuma y’imyaka mirongo 30,indero n’ubumenyi bizoba bimeze gute???
    Leta ntakindi iriko ikora atari crime intellectuel.
    Kandi,ntizofata igisata c’indero gusa,izokwagura imbibe gushika no ku ndogozi.

  • Umuti wa vyose nugufuta imigambwe hagasigara imigambwe ibiri canke itatu

  • kombona uburundi ari bunzinya kandi abarundi bose bakaba barihinduye incabwenge. MUHAMAGARE AMAKUNGU ABUBAKIRE IKIBUGA CA POLITIKI. MWIGE KUVUGA MWOYE KUJYA MUVUGA IRWANO GUSA

  • birababaje kubona hari abiyumwira uko. Uzobibona naw ko abo bitwaza ubwoko kugira baronke icosamaza benshi batazi uko vyagenze ivyo vy’itangwa ry’akazi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.