IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Lizer Classic avugwa cane mu ndirimbo ni nde? Menya ubuzima (...)

Lizer Classic avugwa cane mu ndirimbo ni nde? Menya ubuzima bwiwe

jeudi 5 Ntwarante 2015

Umuhinyanyuzi Lizer Classic avugwa cane mu ndirimbo z’abaririmvyi bo mu Burundi, ni nde? Yatanguye gute umwuga wo gukora indirimbo "production"? N’iki gituma ahurumbirwa n’abaririmvyi benshi?N’iki ategekanya gukora muri kazoza?

Ikiganiro yagiranye na IGIHE, kiri mu rurimi rw’igiswahili ariko twagerageje kugishira mu Kirundi. Twamusanze aho akorera muri Studio BUJA RECORDS

IGIHE : Ndaguhaye mwiriwe, Lizer Classic

Lizer : Mwiriwe!

IGIHE : Lizer Classic ni nde?

Lizer : Urakoze. Akazina k’ubuhizi ni Lizer Classic nk’uko ubivuze, izina ryanje ry’ukuri ni IRANZI Elieli. Navukiye mu muryango w’abana 9, nkaba ndi umwana w’umuhungu wa 2. Papa wanje ni HAMISSI Mujege, mama nawe ni ASHURA Maftaha kandi n’umurundikazi. Navukiye muri Tanzaniya.

IGIHE : Winjiye mu buhinyanyuzi gute?

Lizer : Kuva nkiri muto namye mfise indoto zo kuba umumenyeshamakuru w’umuziki nk’uko kwawe, umuririmvyi canke gukora ikindi kintu kijanye n’umuziki

IGIHE : Hama ubijamwo gute?

Lizer : (Ashaka gutwenga) Ishuri nigako ryari rifise ibisata vyinshi harimwo, gucapa, kubaza, umuziki n’ibindi.. Papa wanje yashaka ko niga gucapa ariko nanje ngakunda kwiga ibijanye n’umuziki. Nagenda kw’ishuri azi ko ndiko niga gucapa kandi niga umuziki. Gutyo gushika mpeze.

IGIHE : Watanguye ryari gukora indirimbo?

Lizer : (uuum) Natanguye mu mwaka w’2000

IGIHE : Woba wibuka ururirmbo rwa mbere wahereyo?

Lizer : Kubera haheze iminsi myinshi sindarwibuka ariko nibuka ko rwari ururirimbo rwanje, ariko naciye mbandanya n’iz’abandi

IGIHE : Watanguriye gukorera muri Tanzaniya canke mu Burundi?

Lizer : Natanguye kuba umuririmvyi ariko numva muri jewe nokora production, hari muri Tanzaniya.

IGIHE: Washitse ryari mu Burundi?

Lizer : Nashitse mu Burundi mu mwaka w’2009

IGIHE : Wavuye muri Tanzaniya umaze gukorana na bande mu baririmvyi bazwi cane?

Lizer: Atari ama Collabo yaba Lolilo na Diamond, Lolilo na Ali canke na Ommy nakoreye mu Burundi, muri Tanzaniya sinari bwamenyekane

IGIHE : Kuva ushitse mu Burundi uriko uramenyekana cane mu buhinyanyuzi, biva kuki?

Lizer: Jewe nkora akazi nkunda, akazi kamye mu ndoto zanje kuva mu bwana. Umuntu wese akora ibintu adakunda kenshi abikora nabi. Jewe ubwenge bwanje bwose nabushize mu kazi. Ivyo bituma nkora neza bigatuma abaririmvyi bampurumbira. N’Imana iramfasha.

IGIHE : Ubwo ntiwoba ufise ibiciro biri hasi?

Lizer : (Hahaha), Oya s’uko, ahubwo rero benshi bibazako aya ma Studio yo mu quartier twaka amahera make ko twoba tutazi akazi ariko siko biri. Amahera nkorera nico kimwe n’ahandi hose

IGIHE : Ururirimbo urukorera angahe namba atari ibanga?

Lizer: Kuva ku bihumbi mirongo umunani kuduga, ariko uwo tumaze gukorana kenshi hari igihe ndamugabanya amahera

IGIHE : Ubu turiko turavugana ufise indirimbo zingahe uriko urakora?

Lizer : Mparuye neza, ubu mfise indirimbo 17 ndiko ngirira mixage

IGIHE: Zabahe baririmvyi?

Lizer: Satb n’ururirimbo "Kanitangaze", Yvan Muzika "Kabakaba" na Black J, abo nibo ba star abandi ni aba underground sinobibuka amazina

IGIHE: Ururirimbo urukora iminsi ingahe?

Lizer :(Nta matara ariho) Urabona ko dufise ikibazo c’amatara. Ururirimbo rurashobora gutwara indwi zibiri. Umu sani araza tukagira "beat", inyuma y’iminsi 4 akaza gushiramwo amajwi, inyuma y’indwi imwe akaza gutora ururirimbo rwiwe.

IGIHE : Abaririmvyi baridogera abahinyanyuzi kubera batubahiriza amasezerano, biva kuki?

Lizer: Abantu bamenye ubwa mbere ko dufise ikibazo c’amatara. Ikindi n’uko kugira umu producer akore mixage y’ururirimbo n’uko abanza kurwiyumvamwo. Hari igihe umuririmvyi azana ururirimbo atazi ico aje kurondera bigatuma mbanza gukorera uwufise ivyoroshe kugira mfate umwanya wo gukorana na wawundi.

IGIHE: Umuntu wese aza aje gukora ururirimbo uramwakira bigakunda?

Lizer: Eka hari n’abo nsubiza inyuma, n’abandi bambwira ndazikore kugira bazumvirize gusa.

IGIHE : Warigeze gucumitwa imbugita n’uwo mwahora mukundana Lady Grace, vyagenze gute?

Lizer: (Amera nk’uwukanye) Turaftaniye n’umwana. Ivya jewe na Lady Grace ni birebire, ariko umuryango wiwe waransavye kubagumiriza ibanga ry’ivyashitse hagati ya jewe na Lady.

IGIHE : Urafise uwundi mukundana?

Lizer : Hahahaha, ndamufise

IGIHE: Yitwa gute?

Lizer: Hahahahaha, eka nta zina novugira aha.

IGIHE:Urakoze Lizer

Lizer: Urakoze nawe

Tubibutseko Lizer amaze gukora indirimbo z’abaririmvyi benshi kandi ziryoshe nka "Nzeyimana" ya Mkombozi, "Kama Mandela" ya Buja All stars

Umviriza "Kama Mandela" ya Buja All Stars


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.