IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Amaziko y’umuhinyanyuzi Dr Jack yahuje abaririmvyi b’Uburundi, Urwanda na (...)

Amaziko y’umuhinyanyuzi Dr Jack yahuje abaririmvyi b’Uburundi, Urwanda na Congo

mardi 11 Munyonyo 2014

Umuhinyanyuzi Dr Jack aherutse kwitaba Imana yasezewe ubwa nyuma n’incuti, abagenzi n’abo bakoranye. Abantu batari bake bagwiriyemwo abaririmvyi n’abahinyanyuzi bari basidukanye n’iyonka kumuherekeza.

JPEG - 68.1 ko
Lolilo

Mu gitondo c’uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Munyonyo, imbere y’uburuhukiro bw’ibitaro Prince Regent Charles hazindukiye abantu benshi bagwiriyemwo abaririmvyi abahinyanyuzi tutibagiye n’abamenyeshamakuru. Bose urubanza rwari rumwe: gusezera no guherekeza ubwa nyuma umuhinyanyuzi Dr Jack.

Lolilo umwe mu baririmvyi bakoranye na Dr Jack avuga ko abaririmvyi bahomvye umuhinyanyuzi yarazi akazi kiwe kandi yagakorana ubwira n’ubwitonzi. Asaba abandi bahinyanyuzi kumufatira ko akarorero. Amwibukira ku ndirimbo yamukoreye nka Disque Dur, Lizzo.com n’izindi.

Si uwo gusa n’abaririmvyi bakoranye na Dr Jack i Bukavu no Rwanda bose baracashima ibikorwa vy’uwo muhinyanyuzi yitavye Imana. Bamwe bakavuga ko batari kuva mu bihugu iwabo iyaba bati bamuzi neza. Bamwe murabo batangajwe n’ugushigikirana gufise abaririmvyi b’Abarundi bakabona ko ari urukundo ruri hagati yabo. Bananeguye amwe mu baririmvyi bao mu rwanda bari bavuze ko baza ku maziko ariko bigaherera mu majambo.

JPEG - 30.9 ko
Bruno Simbavimbere arongoye ishiraamwe ry’abaririmvyi

Bruno Simbavimberearongoye Amical des Musiciens du Burundi ari nawe yarahagarariye ibikorwa vyo gushingura uwo muhisi wewe yashimitse hanini kugufatana mu nda abaririmvyi, abahinyanyuzi n’abamenyeshamukuru berekanye kuva Dr Jack yitavye Imana. Asaba ko abo bose bokwamana umutima wo gufashanya haba mu mahigwe no mu marushwa.

Sat b iyo ari muri Kenya ati:"Ndababajwe cane kudashika ku maziko ya Dr jack ariko kimwe novuga IMANA yonyene niyo ibizi, ehe raba kimwe mu vyigwa dukwiriye kuba twofata nka nkama: umuntu nasize iwacu dore ko nzogaruka ntakimubona. Tumenye ico turi maze duce bugufi aha ubona iyi si, si rwacu, nguyo ijoro ry’uno munsi uretse ko duheruka tumusiga ku Mpanda, iyo ari ntawuhazi vy’ukuri ariko mu mitima yacu. ntazokwigera yibagirana. Niyo mpamvu umwe wese yofata akanya agasengera Dr Jack nkuko naje ejo ninataha kwa Mungu muzobingirire......good bye brother jack".

Mwomenya ko abaririmvyi batari bake mu kwrekana ubumwe bafitaniye bari bashitse aho bakura ikiziga ca Dr Jack imbere y’uko bakijana mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.