IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Bruce Jenner ntakiri umugabo, yihinduye umugore ( Amafoto)

Bruce Jenner ntakiri umugabo, yihinduye umugore ( Amafoto)

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Bruce Jenner, uwahoze ari umugabo wa nyina wa Kim Kardashian yatanguye kwibonekeza yambaye impuzu z’abagore mbere afise n’amabere nyuma yo kuvuga ko agiye kwihindura abe umugore.

Haheze amezi atari make, Bruce Jenner yahoze ari umugabo wa Kris Jenner amenyesheje ko agomba guhindura igitsina ciwe maze yibere umugore.Iyo nkuru yagiye arayihisha umuryango wiwe igihe kitari gito n’ubwo mu nyuma bagiye kuyimenya.

Bruce Jenner yatanguye guhindura imishatsi yiwe, ayigira miremire, vyongeye yagenda akora ibintu vy’abagore.Mu nyuma, yatanguye guhindura umunwa n’izuru mbere aritezako n’amabere.Mu minsi iheze, Bruce yamenyesheje izina ry’abagore agiye kwiyita.

Bruce Jenner yabonetse mu mafoto yambaye ikazu y’abagore kandi yaramaze no kwitezako amabere, ivyo bikaba bibaye mu gihe yari yiteguriwe mu kiganiro ca Diane Sawyer kizoba igenekerezo rya 24 Ndamukiza, aho azomenyesha ivy’ihinduka ryiwe.Ibintu vyagiye bitangaza abantu batari bake mbere bikaboneka ko Bruce Jenner yamaze kwihindura.

Abakobwa biwe, Kendall Jenner na Kylie Jenner, bagiye bashingikira se wabo muri ivyo bihe yariko aracamwo.
Mwomenya ko Bruce Jenner abandanya yihindura gushika amere nk’ abagore nk’uko avyipfuza.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.