IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du Monde2018 : Misiri na Maroc zasezeye ihiganwa zigisigaje urukino (...)

Coupe du Monde2018 : Misiri na Maroc zasezeye ihiganwa zigisigaje urukino rumwe

mercredi 20 juin 2018

Umurwi wa Maroc usezeye ihiganwa inyuma yo gutsindwa n’umurwi wa Portugal, igitsindo kimwe ku busa, igitsindo cinjijwe na Cristiano Ronaldo ku munota wa kane w’urukino, agiteye n’umutwe.

Naho hagisigaye urukino rumwe n’umurwi wa Espagne, urwo rukino ntaco ruzoza ruhindura kinini , kuko mu rukino rwa mbere, umurwi wa Maroc wari watsinzwe n’umurwi wa Iran igitsindo kimwe ku busa.

Umurwi wa Maroc uherekeje umurwi wa Misiri nawo watsinzwe kur’uyu wa kabiri n’umurwi w’Uburusiya ibitsindo bitatu kuri kimwe, mu gihe mu rukino rwa mbere Misiri yari yatsinzwe na Uruguay igitsindo kimwe ku busa.

Inyuma y’igitsindo yinjije mu rukino na Maroc, umukinyi Cristiano Ronaldo aciye aja mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza rw’abamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi, kuko akwije ibitsindo bine.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.