IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du Monde2018 : Umurwi wa Nijeriya waronse amanota atatu ya mbere (...)

Coupe du Monde2018 : Umurwi wa Nijeriya waronse amanota atatu ya mbere utsinze Islande

samedi 23 juin 2018

Mu rukino rwa mbere rwabaye kur’uyu wa gatanu, umurwi nserukiragihugu wa Bresil watsinze umurwi nserukiragihugu wa Costa Rica ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyinjiye mu minota ya nyuma y’urukino, vyinjijwe na Philippe Coutinho hamwe na Neymar.

Mu rukino rwa kabiri, umurwi wa Nijeriya, inyuma yo gutsindwa mu rukino rwa mbere n’umurwi wa Croatie ibitsindo bibiri ku busa, watsinze umurwi wa Island ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyose vyinjiye mu gice ca kabiri c’urukino vyinjijwe n’umukinyi Musa.

Urukino rwa nyuma rwo kur’yu wa gatanu rwahuje umurwi wa Serbie n’uwo Ubuswise, urukino rwaheze umurwi w’Ubuswise utsinze uwa Serbie ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, hakina umurwi w’Ububirigi uhura n’uwa Tiniziya, Koreya y’Epfo ikina na Mexique, urukino rwa nyuma ruza guhuza igihugu c’Ubudagi n’igihugu ca Suwede.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.