IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Vitalo FC watahukanye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

Vitalo FC watahukanye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu

lundi 25 juin 2018

Kuva ku munota wa mbere w’urukino umurwi Vitalo FC n’umurwi Delta Star yagumye yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko ku minota ya mbere y’urukino, umukinyi MBIRIZI Christian yinjiza igitsindo ca mbere ca Vitalo FC.

Umurwi Vitalo FC wabandanije gusatira umurwi Delta Star gushika uraronka n’igitsindo ca kabiri, mbere uhava winjiza n’igitsindo ca gatatu, muri ivyo bitsindo bitatu umukinyi MBIRIZI Christian akaba yinjije ibitsindo bibiri, ikindi cinjizwa na NGEZE Issa.

Igitsindo co guhoza amarira umurwi wa Delta Star ari naco conyene cinjiye ku ruhande rwa Delta Star cinjijwe na Dusabe Olivier.

Vital’o Fc uzoca userukira Uburundi mu mahiganwa ya Africa Confederation Cup ry’uwu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.