IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Epipode BARANYIKWA:“Urumuri rw’amahoro n’ikimenyetso cerekana ko amahoro (...)

Epipode BARANYIKWA:“Urumuri rw’amahoro n’ikimenyetso cerekana ko amahoro yagarutse mu gihugu”

Tuesday 4 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018,Epipode BARANYIKWA yavuze ko urumuri rw’amahoro ari ikimenyetso cerekana yuko amahoro yagarutse mu gihugu kandi rurafasha guhimiriza abarundi kwijukira ibikorwa vy’iterambere.

Murico kiganiro uwo ari icegera c’uwurongoye ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro yavuze kandi ko urumuri rw’amahoro rutembera rukamurikira intara zose zigize igihugu rugaha inguvu abanyagihugu zo kurangura ibikorwa vy’iterambere nko kubaka amashure,kubaka amavuriro,ibibuga vy’umupira,ibiro vy’indongozi hamwe no gukingira ibidukikije mu guteragira ibiti ku misozi.

Kubijanye n’ibimaze gushikwako kuva urumuri rw’amahoro rutanguye,Epipode BARANYIKWA avuga ko urwo rumuri rugenda rushigikira ibikorwa rusangi abanyagihugu bakabona ibimaze gushikwako kandi rwereka abarundi ko bashobora gukora ibikorwa ata mfashanyo ivuye mu makungu.

Iciyumviro c’urumuri rw’amahoro rwavuye mu nkino mpuzamakungu “Jeux Olympiques” zatanguriye i Athenes mu gihugu c’Ubugiriki zikaba zarafasha kwibagira ingorane z’ubuzima z’ico gihe ,izo nkino zasubiwemwo n’uwitwa Pierre de Coubertin mu mwaka w’i 1894 ari naho hatangura komite mpuzamakungu ya Olympia “CIO”.

Mu gihugu c’Uburundi urumuri rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu mwaka wa 2006,urugendo rwarwo rw’uyu mwaka wa 2018 ruzorangira kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga mu Vyerwa vya Ngozi rukazohimbazwa kucivugo kivuga giti:“Tuzirikane igihugu cacu,tugiture amaboko,umutima n’ubuzima.”

Bimwe mubitegekanijwe gufasha mu nyubako mu rugendo rw’urumuri rw’amahoro rw’uyu mwaka n’amabati ibihumbi 16,imifuko y’isima 5600 hamwe n’ibindi.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Mbega ububeshi? Ico ciyumviro c’urumuri rw’amahoro ntibagikuye kure atari hakurya ya Rumpungwe. Hoho barazi ico kivuga, atari ivyo vyo gukoporora.

  • Bavandimwe mbabwire,mwige uko mwaganira nk’abava-ndimwe mukemure ikibazo mufitaniye imbere no hanze y’igihugu uzabyanga azaba agaragara,kdi mufungure igihugu ushatse atahe,naho kuvuga ko amahoro yagarutse n’imvugo ya politike s’ukuri,kdi kubaka ibyo muzasenya bimaz’iki ? niba Prezida ari umurokore anyumve kuko nanjye ndi we

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.