IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Ihiganwa ry’umukuru w’igihugu, kimwe mu biriko biragarukana akanovera ka (...)

Ihiganwa ry’umukuru w’igihugu, kimwe mu biriko biragarukana akanovera ka Basketball

mercredi 10 janvier 2018

Ghyslain MUNEZERO arashimishwa n’ingene abarorerezi basubiriye kwiyongera ku bibuga, n’abakinyi bagasubira kugira imyimenyerezo myinshi n’inkino zikaba ziriko ziragwira.

Arongera akamenyesha ko kubona umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yemeye gufata mu mugongo imigwi yabaye iya mbere mu gikombe c’umukuru w’igihugu,mu kubafasha kuja guhiganwa hanze y’igihugu mw’ihiganwa ry’akarere ka 5 bizohora bifasha abakinyi mu kuduza urugero rwabo mu gihe bazoba bariko bahiganwa n’abanyamahanga.

Naho bir’ukwo, kizigenza wa Gymkhana aranegura ingene amashirahamwe adafasha imigwi kugirango urukino rwa Basketball ruje ku rwego rwo hejuru.

« Uburundi burafise urwaruka rukina Basketball neza, n’ikimenyamenya, iyo rusohotse rukaja gukina n’imirwi yo mu bihugu bibanyi, ruravyifatamwo neza mbere no gusumba abo bahasanze.Harakenewe amashirahamwe n’amahinguriro afata mu mugongo abakinyi. »

Igikombe c’Umukuru w’igihugu kikaba ari ubwa mbere gitunganijwe,ariko kikaba kigiye kuza kiratunganywa ku mwaka ku mwaka .


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.