IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Ngozi-Basketball : Imirwi ine irahurira mu rukino rwa nyuma

Ngozi-Basketball : Imirwi ine irahurira mu rukino rwa nyuma

samedi 6 janvier 2018

Kuwa gatanu, igenekerezo rya 5 Nzero 2018, inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zarakinywe.Isaha zindatatu umugwi wa Gymkhana watsinze Young Eagles y’i Gitega ku manota 78 kuri 60.

Mu rukino rwabaye isaha icenda, umugwi wo mu ntara ya Bururi ukaba watsinze Target Intamenwa ku manota 71 kuri 68.

Umugwi w’intara ya Bururi ukaba watangaje benshi mu gutsindira Target Intamenwa mu ntara eka no ku kibuga basanzwe bamenyereye.

Mu bigeme,isaha zitandatu imigwi ya Ngozi na Aigles Noirs niho yatana mu mitwe, umugwi wa Ngozi ukaba waronse intsinzi bitawugoye na gato utsinze Aigles Noirs ku manota 60 kuri 21.

Isaha icenda naho Berco Stars utsinda umugwi wa Gazelles basanzwe bakebana kandi biboneka ko banganya inguvu ku manota 48 kuri 42.

Inkino zanyuma zikaba zitezwe ku muhingamo w’uyu wa gatandatu mu gisagara ca Ngozi aho Gymkhana ihura n’umugwi wa Bururi mu bagabo, mu bigeme Berco Stars itane mu mitwe na Ngozi

Twibutse ko iryo higanwa ryatunganijwe n’ishirahamwe the raising generation rifadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, n’ishirahamwe rya Basketball y’Uburundi


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.