IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abantu 2 batowe ibiziga i Bujumbura n’i Muyinga

Abantu 2 batowe ibiziga i Bujumbura n’i Muyinga

jeudi 29 Munyonyo 2012

Ikiziga kimwe c’umusore afise imyaka iri hagati ya 30 na 35 catowe mu gatondo ko kuri uyu wa kane italike 29 ukwezi kwa Munyonyo umwaka w’2012 hagati mu gisagara ca Bkujumbura imbere y’ingoro ndangakaranga Palais des Arts. Cari kiboshe amaboko. Abakibonye ubwa mbere n’abakenyezi bakora akazi ko gusukura igisagara. Batanguye kucitiranya n’umucafu kuko cari kiri mu mufurege utwara amazi mabi.

Umukenyezi yakibonye ubwa mbere yavuze ati’’Jewe nagira ntangure akazi kanje ko gusukura hanyuma nca mbona umuntu aryamye ndamuvyura aranka. Naciye mpamagara bagenzi banje bari hirya ndabereka dusanga n’umuntu yapfuye hanyuma duca duhamagara abaplisi baze kuraba’’. Biboneka ko yoba yiciwe ahandi hanyuma abamwishe bamuta ngaho mw’ijoro.

Uyo mukenyezi yabandanije avuga ati’’None vyoba vyagenze gute kugira iki kiziga abajejwe umutekano ntibakibone kandi kuri iri barabara harara abapolisi benshi’’. Kuri iryo barabara hari kandi abandi bantu bacungera imanganzini zitandukanye. Icatangaje abantu babibonye n’uko ata n’umwe yigeze atabaza canke ngo hafatwe uwoba yamwishe canke akaza kumuta ng’aho.

Nk’igihe c’isaha zitatu, imodokari y’igisagara ca Bujumbura yaciye imujana mu buruhukiro mu bitaro. Abayagihugu basaba ko amatohoza yokorwa hakamenyekana abamwishe.

Ikindi kiziga catowe muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Uwo nawe ni umukenyezi. Ikiziga ciwe catowe mu kinogo kivamwo ubutare. Ababanyi biwe bavuga ko hari haheze iminsi uwo mukenyezi atawuzi irengero ryiwe. Abajejwe intwaro bikeka ko amatati y’amatongo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi. Abajejwe umutekano bemeza ko bagiye kugira amatohoza kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane hanyuma bashirwe imbere y’ubutungane.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.