IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abarimu bo muri kaminuza ENS bahagaritse akazi

Abarimu bo muri kaminuza ENS bahagaritse akazi

dimanche 30 Kigarama 2012

Abigisha bo muri kaminuza nderabigisha ENS basubiye guhagarika akazi. N’ubu basaba ko bosonswa ibirarane n’uturusho two ku mishahara yabo. Nta ndwi zibiri zari bwahere basubiye ku kazi,bari bagize yegereyegere basaba naho nyene ibirarane ku mishahara.

Sendika y’abarimu bo muri kaminuza nderabigisha ENS imenyesha ko bahagaritse akazi kuva ku wa gatanu italike 28 Kigarama mu kiringo kitazwi aho kizoherera. Abo barimu bavuga ko ubushikiranganji begukira bwa kaminuza budashaka kubatunganiriza kuvyerekeye ibirarane n’uturusho ku mishahara yabo. Ikindi basaba n’ukurenganurwa mu mapete y’akazi kuva mu mwaka w’2000.

Nta kwezi kwari bwahere bahagaritse akazi. Naho nyene basaba ibirarane ku mishahara. Bamenyesha ko bari basubiye ku kazi kugira bahe akaryo Reta ibumvirize ariko ngo siko vyagenze.

Umushikiranganji wa kaminuza Julien Nimubona amenyesha ko abo bariumu bo muri ENS bihuse guhagarika akazi kuko ngo ibibazo vyabo biriko birigwa. Abasaba gusubira ku kazi hanyuma ibibazo vyabo bigatorerwa umuti.

Abanyeshure bo muri iyo kaminuza nderabigisha ENS basaba ko iyo yegereyegere yorangira bagasubira kwiga.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.