IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abashingamateka bagiye kuramutsa ingabo z’abarundi muri Somaliya

Abashingamateka bagiye kuramutsa ingabo z’abarundi muri Somaliya

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Ni irya mbere abashingamateka b’abarundi bishikira muri Somaliya kuraba igikorwa c’abasirikare bagiye kugarukana amahoro n’umutekano. Bamenyesha ko ingabo z’u Burundi zirikumwe n’abo muri Uganda na Kenya ngo zihagaze neza ku rugamba.

Nk’uko amakuru duhabwa na mugenzi wacu Christian Bigirimana yajanye nabo bashingamateka abitubwira, bashitse ku kibuga c’indege c’i Mogadishu ku mugwa mukuru wa Somaliya ku munsi wa mungu italike 10 Nzero 2013.

Uwurongoye umugwi w’abashingamateka b’abarundi bajejwe ikibazo c’umutekano Emilien Hakizimana yamenyesheje ko urwo rugendo ruri mu ntumbero yokugenzura ibikorwa vya Reta kuko biri muvyo inama nshingamateka ijejwe.

Abo bashingamateka baciye bishira kuraba ingabo z’abarundi aho ziri. Nk’uko uwurongoye abasirikire bose ba AMISSOM yabishikirije,ngo igihugu ca Somaliya nka cose caramaze kwifatirwa n’ingabo z’igihugu kandi ngo intagondwa z’aba islam zikora iterabwoba zaratsinzwe mu bibanza bitari bike. Yongeye amenyesha ko izo ntagondwa ata nguvu z’ibirwanisho zigifise ahubwo zataye ziromoka ariko ngo biyengeje mu banyagihugu, nico gituma ngo nubu igikorwa co kubatuza kikibandanya.

Naho biri uko, ngo impinga iracari ndende kuko yamenyesheje ko hakenewe abasirikare bari hagati y’ibihumbi 25 na 30. Ariko ubu hariyo abasirikare barenga gato ibihumbi 17. Eka ngo n’ibirwanisho ngo haracakenewe ibindi bitari bike kandi bikomeye.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.