IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abashingamateka basubije inyuma itegeko risaba abategetsi gutanga ikori ku (...)

Abashingamateka basubije inyuma itegeko risaba abategetsi gutanga ikori ku mishahara

jeudi 27 Kigarama 2012

Kuri uyu wa gatatu italike 27 Kigarama 2012 ryabaye irigira kabiri iyo nteguro y’itegeko risaba abategetsi bakurubakuru gutanga ikori ku mishahara yabo risubizwa inyuma. Rizosubira kwigwa mu ntango y’umwaka w’2013. Naho biri uko umukuru w’igihugu yaheruka gutangaza icese ko n’abategetsi bategerezwa gutanga ikori.

Kari akanyamuneza ku mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike amaze kumenya ko inama nshingamateka yiga itegeko rigenga ugutanga amakori ku mishahara y’abategetsi bakurubakuru kuri uyu wa gatatu itakile 27 Kigarama 2012. Ariko umwizwero wamaze umwanya urume rumara.

Abashingamateka bararavye iryo tegeko baca bararisubiza inyuma bamenyesha ko rizokwigwa mu ntango z’umwaka w’2013. Bavuze ko hariho ibiharuro bidatomoye.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike abona ko ari ingendo yo gutinya gutanga ayo makori hanyuma bakabandanya barya imitsi abanyagihugu batobato.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire avuga ko bitangaje kubona abanyagihugu bahembwa guhera ku mafaranga ibihumbi 40 batanga ikori ariko abahembwa ico yita ‘’umurengera’’ ntibatange ikori. Abona ko ari ukurya imitsi abarundi batobato. Ngo nibo bari bakwiye gutanga ayo makori kuko aribo bafise amikoro menshi.
Muri kino gihe abategetsi bakurubakuru badatanga ikori ku mishahara ni umukuru w’igihugu,ivyegera vyiwe bibiri,abashingamateka n’abakenguzamateka,umuhuza w’abarundi,abashikiranganji,abayozi bakuru mu bushikiranganji n’abandi bategetsi bafise igihagararo nk’ico.

Ribaye irya kabiri muri uyu mwaka iryo tegeko risubizwa inyuma. Ubwa mbere vyarashitse aho amashirahamwe yigenga ategura imyiyerekano yo gusaba ko iryo tegeko ritorwa hanyuma inama nshingamateka irarisubiza inyuma ngo Reta ibanze iritosore utunenge neza.

Naho biri uko umukuru w’igihugu yaheruka kuvuga ko iryo tegeko ritegerezwa gutorwa kugira n’abategetsi batange ikori ku mishahara. Yari yavuze mbere ko bitegerezwa kuba vuba kugira imyidogo y’abanyagihugu igabanuke.

Abaraba ibintu n’ibindi bakeka ko abashingamateka babigira nkana kuko batinya ko uturusho twogabanuka mugihe botanga amakori ku mishahara yabo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.