IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abigisha bo muri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse akazi

Abigisha bo muri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse akazi

dimanche 9 Kigarama 2012

Abarimu bigisha muri kaminuza nderabigisha ENS basaba cane cane ko reta yobaha ibirarane vy’imishahara yabemereye kuva mu mwaka w’2003 hamwe n’ivyo mu mwaka w’2009.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatanu italike 7 ukwezi kwa Kigarama, uwurongoye sendika y’abarimu bo muri kaminuza nderabigisha ENS yavuze ko bitangaje kubona reta yemera ibintu hanyuma ntibije mu ngiro. Amenyesha kandi ko bagenzi babo bo muri kaminuza y’u Burundi bafise imishahara ifatiye ku gihe ca none hamwe no ku mategeko mashasha agenga akazi. Basaba reta ko yobaha uturusho n’ibirarane vy’imishahara bemerewe kuva mu mwaka w’2003 n’2009.

Docteur Etienne Barahinduka arongoye iyo sendika avuga ko ibindi basaba ari ukudugirizwa amapete mu kazi bikajana n’ukongerwa imishahara. Ikindi ngo n’uko abigisha bari mu rwego rw’abayobozi bataronka uturusho kuva mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2010 gushika mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2011.
Dr Etienne Barahinduka amenyesha ko reta yari yagiranye n’abo barimu bo muri kaminuza nderabigisha ENS amasezerano mu mwaka w’2003 ariko ngo nyigeze aja mu ngiro gushika mu mwaka w’2010.

Abo bigisha bavuga ko iyo myidogo yabo ariyo yatumye bahagarika akazi kuva ku munsi wa gatanu italike 7 uku kwezi kwa Kigarama kugira reta ibitorere umuti.
Abanyeshure bo kuri iyo kaminuza nderabigisha ENS basaba ko iyo yegereyegere yohera vuba kugira basubire kubandanya ivyigwa.

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza ntaco arashikiriza kuvyerekeye imyidogo y’abo barimu bo muri kaminuza nderabigisha ENS.

Hraheze imyaka irenga 5, nta mwaka n’umwe uhera ata hagarikwa ry’akazi ribaye kuri iyo kaminuza ENS. Iyo atari abanyeshure, aba ari abigisha bahagaritse imirimo.

Muri kino gihe, amayegereyegere yabaye ndanse mu bakozi ba reta. Abaforoma barahagaritse akazi, abigisha bo mu mashure matomato n’ayisumbuye nabo baragabishije ko bashobora guhagarika akazi. Bose basaba uturusho ku mishahara.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.