IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Evrard Giswaswa yahoze arongoye igisagara ca Bujumbura yapfunzwe

Evrard Giswaswa yahoze arongoye igisagara ca Bujumbura yapfunzwe

lundi 11 Ntwarante 2013

Evrard Giswaswa yahoze arongoye igisagara ca Bujumbura yagirizwa ko afise uruhara ku vyerekeye gutunganya nabi isoko nkuru ya Bujumbura iheruka gusha igatokombera. Yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere italike 11 Ntwarante umwaka w’2013 nk’isaha 11n’iminota 30.

Inyuma y’umutaga kuri uyu wa mbere italike 11 Ntwaranre 2013, igipolisi cari gishikanye Evrard Giswaswa muri parike nkuru ya Bujumbura. Umugwi washinzwe kugira amatohoza ku catumye isoko isha niwo wamufashe. Uwo mugwi umwagiriza kunyuruza amatungo ya Reta mw’isoko nkuru ya Bujumbura n’ibindi vyaha bibiri bijaye no gutunganya nabi iyo soko.

Yabajijwe igihe c’amasaha 6 mu biro 28 vya parike hanyuma haca hasohoka umutahe wo kumuhagarika bita ’’Mandat d’Arret’’. Igipolisi caciye kimujana kumufungira mw’ibohero rikuru rya Mpimba igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota 30.

Uwo mugwi washinzwe kugira amatohoza ku vyerekeye umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura wamusabiye gufungwa imyaka itanu.

Evrard Giswaswa yagerageje kwanka kurira imodoka y’igipolisi ariko igipolisi cakoresheje inguvu kiramwuriza. Wewe yahakana kwinjira, akavuga ko ataco azi ku vyo yagirizwa vyose. Yemeje ko ari irementanya ryigendera.

Asanze mw’ibohero rikuru rya Mpimba uwundi yitwa Cyprien Horugavye yahora arongoye ishirahamwe SOGEMAC ryahora rijejwe gutunganya isoko nkuru ya Bujumbura imbere yuko isha. Nawe nyene yafashwe yagirizwa gutunganya nabi iyo soko.

Mushikiwe nawe nyene yarahiye ko musazawe aja gufungwa ariko vyabaye imfagusa.

Muri kino gihe inyuma yo gukurwa mu mabanga yo kurongora igisagara ca Bujumbura, yari asigaye atwara ishirahamwe Air Burundi riraba ukwiyunguruza mu ndege.

Amakuru dukura mw’ibohero rya Mpimba avuga ko Evrard Giswaswa yaciye ajanwa muri karitiye ijamwo abanyacubahiro bafunzwe bita VIP.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • Uwomugwi ujejwe amatohoza nubandanye kudomakurutoke nabandi, kubutungane nivyiza gufatingingo hakirikare Kuwukekwako icaha bibonekako UBURUNDI,tugeze Kuntambwe ishimishije.

  • Uwomugwi ujejwe amatohoza nubandanye kudomakurutoke nabandi, kubutungane nivyiza gufatingingo hakirikare Kuwukekwako icaha bibonekako UBURUNDI,tugeze Kuntambwe ishimishije.

  • Ibi bintu ni vyiza nimba bikozwe bifise intumbero y’ukuri.Kuko nimba isoko yahiye kukon itunganijwe nabi,uwagize uruhara mw’itunganywa ribi ryayo akwiye kubazwa.Turindiranye igishika igikorwa c’ubutungane.

  • uwo mugabo nibamubike mw’ibuye kuko ntiyera. imitungo afise irarenze, yayikuye he ????? maire de la ville!!!!! hahahahahaaaaaaaa ubusuma.com.

  • None tugire dute? niyaba ari mubaturiye isoko kandi yarayikuyemwo amatungo, none yoba ari mubateguye uwo mugambi mubi kuko bamuhinduriye akazi akaba ataco akiyikuramwo?

  • Iryo fungwa rya Giswaswa nuyo asanzeyo ariwe yari arongoye isoko nkuru ya Bujujmbura rikaba rijanye n’amatohoza nkamwe twama twumva ngo amatohoza ariko arakorwa akaba atanarimwe ndumva icavuye muri amatohoza nkayo, azoba ari akarenganyo kamwe kabi, muribuka ifungwa ry’umushingantahe Kadege ivyakwirikiye kandi yahavuye yambikwa izera ariko yabanje gusinzikarizwa ubuzima, ariko burya abafaransa bati Qui veut tuer son chien l’accuse de rage ngira bisa nivyo ariko kandi ndagarutse akaba vyukuri yoba ariwe yaturiye iyo soko amarira, ikigoyi c’abapfakazi n’impfuvyi bareze biragahumira uwakoze iryo bara

  • Biteye isoni kubona ingene abarundi tukibebetwa!!!Il faudra décidèmment plus d’un siècle kugira abarundi duce ubwenge! Igihugu kirakenye abantu barishwe n’inzara. Certains en profitent pour semer la terreur et la paranoïa:ce que font les journalistes àscandales,depuis 2 ans, parce que c’est tout ce que Kiramvu représente àmes yeux, ainsi que bien d’autres journalistes de la RPA!Ensuite,il y a la population qui suit comme un troupeau de moutons et c’est affligeant pour moi parce qu’enfin de compte,j’ai l’impression de voir une scène qui tourne en boucle sans fin depuis Moïse,Babylone,,la guerre de sécession,les nazis,...,c’est la loi du chaos. Désolée Me,mais pour moi Me Evrard n’est qu’une victime ciblée par ces paparazzis du Bdi pour promouvoir les futures éléctions.Tous les 5 ans,des victimes sont ciblées,mis en lambeaux et au bûchers pour le plaisir du peuple qui croit que justice est faite,mais le maire de la ville n’est qu’un serviteur du système,il ne contrôle ni ne préside le système.Le bon fonctionnement du de beaucoup de services du Rda vient du fait que les paparazzis et les mauvaises langues sont inexistants au Rda. "Abarundi bazi kuvuga ntibazi kurima"c pas moi qui le dit...Soyez donc admiratif envers cet avocat chevronné qui a mis sa carrière de côté,est entré au gouvernement et a contribué avec acharnement àl’embellissement de la ville et la continuité des activités prospéres!Prenez-en de la graine et comme Me Evrard le dit apprenez àrefléchir par vous-même,mes frères

  • UWO MURWI NDUMVA URIKO UKORA NEZA KUDATINYA ABANTU.

  • Turavye ubutunzi GISWASWA afise bigaragara ko yivye mugabo ntibisigura guturira isoko. Nimba arimwo arikumwe nabandi. Iyo commission nikore dans toute independance yerekane koko uwateguye akanashira mungiro umugambi ugayitse. amarira yababuze ivyabo aze abakurikire"TURANYOTEWE UBUTUNGANE"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.