IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Impuzi z’abatutsi ziri hagati mu gihugu zanse gutahuka

Impuzi z’abatutsi ziri hagati mu gihugu zanse gutahuka

jeudi 3 Nzero 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahamagaye impuzi ziri hagati mu gihugu gutahuka kubera umutekano wagarutse aho bahunze bava mu ntara za Gitega,Kayanza na Ngozi. Izo mpunzi z’abatutsi zozo zirarahira zikarengwa ko zidashobora gutahuka kuko ngo ababiciye ababo mu mwaka w’1993 ntibarahanwa n’ubutungane.

‘’Twebwe ntidushobora gusubira mu mihana iwacu kubera turacatinya, abatwiciye abacu niho bakiri kandi ntibahanywe n’ubutungane.’’ Uwundi nawe avuga ati’’Jewe abanje bishwe mbona,inka zacu bazitwara tubona kandi ababikoze ndabazi bari ku mutumba w’iwacu. None wumva nokubahuka ngasubirayo kandi ubutungane budakoze akazi kabwo’’. Abo ni bamwe mu bantu bo mu bwoko bw’abatutsi barenga 3000 bari mw’ikambi y’impunzi iri muri komine Bugendana intara ya Gitega. Bararahira bakarengwa ko badashobora guhunguka.

Iyo niyo mvugo y’abandi banyagihugu bahungiye hagati mu gihugu mu ntara za Ruyigi,Ngozi na Kayanza.

Ivyo bakaba babishikirije inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza abahamagariye gutahuka. Yabivuze mw’ijambo yashikirije abarundi italike 1 Nzero 2013. Yari yabasavye ko botahuka kuko umutekano wagarutse aho bahunze bava. Izo mpuzi zozo zimenyesha ko zitaratekanirwa mu mitima kandi ko zidashobora gutahuka ku nguvu.

Umugambwe UPRONA uzwi ko ari uw’abatutsi nawo nyene uriyamiriza itahukanwa ku nguvu ry’impunzi zisigaye hagati mu gihugu. Nka zose zahunze kuva mu mwaka w’1993 inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior.

Tacien Sibomana avugira umugwi w’Abadasigana bavuga ko bishinze kunagaura UPRONA ‘’courant de rehabilitation du parti UPRONA’’ amenyesha ko izo mpunzi zidashobora gutahuka kuko zidatekaniwe mu mitima. Avuga vyoba vyiza mugihe izo mpunzi arizo zisabiye gutahuka ku bushake bwazo.

Tacien Sibomana yakoze icigwa kuvyerekeye gutahukana impuzi zo hagati mu gihugu amenyesha kandi ko biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu akingira impuzi. Avuga cane cane amasezerano y’i kampala u Burundi bwateye ko umukomo. Ngo n’uguhonyanga agateka ka zina muntu. Asaba ahubwo Reta gukingira nyabuna izo mpunzi aho ziri mu makambi y’impunzi hamwe no kuhubaka ibigwati vy’amahoro kugira nabo biteze imbere.

Icegeranyo giheruka gukorwa na Reta n’amashirahamwe yigenga cerekana ko ibice birenga 70% vy’impunzi zose zikiri hagati mu gihugu zanse gutahuka kuko ngo umutekano wazo udakwiye. Zasavye ko hobanza kujaho umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi kugira hamenyekane ababiciye ababo hanyuma bahanwe hisunzwe amategeko. Eka ngo boshumbushwa no kuvyerekeye amatungo yabo banyazwe. Izo mpunzi zivuga kandi ko zitewe amakenga n’abanyororo baheruka kurekurwa vy’agateganyo, ngo harimwo ababiciye ababo.

Izo mpuzi zose zanka gutahuka n’iz’abatutsi zirenga ibihumbi 10, zahunze kuva mu mwaka w’1993 mu ntambara yahitanye abatutsi barenga ibihumbi 300 nk’uko biri mu cegeranyo ca ONU co mu mwaka w’1996 kivuga ivyerekeye ihonyabwoko ryabaye mu Burundi ryakurikiwe n’intambara y’urutavanako yamaze imyaka hafi 17 kuva mu mwaka w’1993.

kw’ifoto:zimwe mu mpunzi z’i Bugendana ziganira n’abamenyeshamakuru


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.