IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Imyaka 12 iraheze abantu 21 biciwe mu modokari TITANIC-Express

Imyaka 12 iraheze abantu 21 biciwe mu modokari TITANIC-Express

samedi 29 Kigarama 2012

Haraheze imyaka 12 abantu 21 bishwe bakuwe mu modokari yo mu bwoko bwa TITANIC yarivuye mu gihugu c’u Rwanda ija mu Burundi. Harimwo abantu bava mu bihugu 5 harimwou Rwanda na Uganda.

Hari italike 28 Kigarama umwaka w’2000, umuhari PALIPEHUTU-FNL wagwanaya Reta y’u Burundi y’ico gihe wategereye imodokari TITANIC-Express yri ivuye mu gihugu c’u Rwanda ija mu Burundi. Abantu 21 atacobazira barishwe bunyamaswa bageze ahitwa Mageyo mu ntara ya Bujumbura ku bilometero bidashika 20 kugira bashike mu gisagara ca Bujumbura. Muri bo harimwo abakenyezi n’abana 5. Abahasize ubuzima benshi bava mu bihugu 5 arivyo u Burundi, Canada, Congo,u Rwanda na Uganda.

Gushika ubu imyaka 12 iraheze atamuntu n’umwe arahanwa kubera ico caha c’agahomerabunwa.abatari bake bakekwa ko ico caha barazwi, hariho mbere n’abari mu bibanza bikomeye mu buyobozi bw’igihugu ,mu gipolisi n’igisirikare nk’uko ikinyamakuru Bujumbura.be kibivuga.

Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International riharanira agateka ka zina muntu risaba ko Reta y’u Burundi yoshiraho umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi hamwe na sentare idasanzwe yohana abakoze ivyaha vyo mu ntambara.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.