IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Inama nshikiranganji yize ikibazo co kwiga mu makaminuza

Inama nshikiranganji yize ikibazo co kwiga mu makaminuza

samedi 1er Kigarama 2012

Ku rutonde rw’ivyihwezwa harimwo ingorane zijanye no gushika mu nyigisho za kaminuza mu mwaka w’ishuri 2012 ushira uw’2013.
Irongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,inama nshikiranganji yarakoranye mu nama yayo isanzwe ku magenekerezo ya 28 na 29 ukwezi kwa munyonyo umwaka wa 2012.

Ivyari ku rutonde vyari umunani, muri ivyo, bitanu vyari ibijanye n’inyigisho,harimwo inyigisho z’ubuvuzi. Ica mbere n’ica kabiri vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amashuri matomato n’ayisumbuye no kwigisha abakuze gusoma no kwandika Severin Buzingo, akaba ari integuro y’itegeko rigenga itunganywa ry’ inyigisho mu mashuri matomato n’ayisumbuye,kwigisha imyuga no kwigisha abakuze gusoma no kwandika hamwe n’ibijanye n’ingorane zifatiye ku manota atanga uburenganzira kwo kuja mu mashuri ya kaminuza mu mwaka wa 2012 ushira uw’2013.

Ikijanye n’inyigisho z’ubuvuzi kikaba cashikirijwe na muganga Sabine Ntakarutimana atwara ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kikaba kijanye n’itegeko ry’umukuru w’igihugu rihindura itegeko ryo ku wa 13 Mukakaro 2011 ritunganya gushasha inyigisho z’ubuvuzi mu Burundi.

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza Julien Nimubona yashikirije ubwa mbere ikijanye n’integuro y’itegeko rigenga itunganywa ry’inyigisho za kaminuza haba ari iya reta canke muzo abigenga hamwe n’integuro y’itegeko rijanye no gushigikira inyigisho za kaminuza mu mashuri y’abigenga.

Izindi nteguro harimwo iyashikirijwe n’ibisata vyo mu biro vy’icegera ca kabiri vy’umukuru w’igihugu,integuro yo gufasha abanyagihugu kuva mu mwaka w’2012 gushika mu 2014,yashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca reta Tabu Abdallah Manirakiza, integuro y’itegeko risubiramwo amategeko agenga igisata c’icayi mu Burundi rikaba ryashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Odette Kayitesi, inama ikaba yarangiye bihweza utuntu n’utundi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.