IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Inama rukokoma y’ubutungane yasivye

Inama rukokoma y’ubutungane yasivye

vendredi 7 Kigarama 2012

Inama rukokoma y’ubutungane yari itegekanijwe kuba kuva italike 10 gushika 12 z’uku kwezi kwa Kigarama yasivye. Umugwi uriko urategura iyo nama uvuga ko mu vyabuze harimwo uburyo bw’amafaranga n’ukumvikana ku bibazo vyoharirwa.

Abegwa n’ikibazo c’ubutungane bari bamaze igihe basaba ko hokorana inama rukokoma kugira ngo ibibazo vyose bihanze ubutungane bitorerwe umuti. Ubushikiranganji bw’ubutungane nabwo nyene bwari bwarayiteguye hagati muri uku kwezi kwa Kigarama kuva italike 10 gushika 12 ariko vyamaze kumenyekana ko iyo nama yasivye.

Uwurongoye umugwi uriko utegura iyo nama avuga ko abari bemeye gufasha mu buryo bw’amafaranga babaye barabangira. Charles Nduwimana amenyesha ko abo bari bemeye gutanga imfashanyo basavye ko hobanza hagakorana inama nkuru y’abashingwamanza hanyuma haboneka icegeranyo hamwe n’ico abo bashingwamanza bofasha mu ntererano y’ivyiyumviro muri iyo nama rukokoma.

Ikindi naco catumye isiba ngo n’uko umuhinga ataraheza ibikorwa vyo gutegura iyo nama. Eka ngo n’ibizokwigwa abo vyega bose ntibaravyumvikanako cane cane sendika y’abacamanza SYMABU. Iyo sendika ico ishaka cane cane n’uguharira ku vyerekeye ubwigenge bw’abacamanza ‘’independence de la magistrature’’.

Urwego rw’abashingwamanza rwaheruka kumenyesha ko rwisokoye mu nteguro y’iyo nama rukokoma. Maitre isidore Rufyikiri arongoye urwego rw’abashingwamanza yavuze ko iyo nama rukokoma iriko itegurwa nabi. Ngo hariho ibibazo bihambaye umushikiranganji w’ubutungane adashaka ko bivugirwa ahabona. Ivyo navyo ni nk’ivyerekeye ko ubutegetsi bwisuka mu bikorwa vy’abacamanza mu manza zikomeye cane cane izijanye na politike hamwe n’izivugwamwo abategetsi bakurubakuru. Ivyo navyo ngo bisubiza inyuma ubwigenze bw’abacamanza mu kazi kabo.

Na sendika y’abacamanza ntisiba gusemerera ivuga ko abacamanza baremerwa n’ubutegetsi. Ikindi bavuga covugirwa muri iyo nama rukokoma n’icerekeye ko bokwigenga mu guhabwa uburyo bakabutunganya bonyene. Ni mugihe ubu amafaranga yose akoreshwa n’abacamanza atangwa akongera agacungerwa n’ubushikiranganji bw’ubutungane. Basaba kandi ko urwego rukuru rw’abacamanza ‘’conseil superieur de la magistrature’’ rwokwitorerwa n’abo rwega n’ukuvuga abacamanza.

Abahinga banonosoye ivy’amatego bavuga ko no kubona umushikiranganji ariwe ahindurira umucamanza aho akorera bituma ubwigenge bwiwe bugabanuka kuko aheza agakora ashaka gushimisha uwamuhindurire akazi, akibagira kwigenga mu guca imanza.
Umugwi ujejewe gutegura iyo nama rukokoma y’ubutungane nturamenyesha iyindi sango iyo nama izoberako.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.