IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Tennis > Itegurwa ry’abana bazoserukira Uburundi muri kazoza rirabandanya

Itegurwa ry’abana bazoserukira Uburundi muri kazoza rirabandanya

vendredi 30 Myandagaro 2013

Mu gihe c’uburuhuko bukuru, abana b’imyaka itanu barahurira aho bita kuri Entente sportive y’i Bujumbura aho bakina urukino rwa tennis. Izo nkino rero zitegurwa na Hussein Shabani, umwe mu bamenyereza b’uyo mukino.

Nk’uko Shabani abivuga, ico gikorwa ciswe : « Spécial vacances » catanguye kuva kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro uyu mwaka, kikaba buca gisozerwa kuri uyu wa 1 Nyakanga 2013, inyuma y’urukino rukomeye ruzosozera ivyo bikorwa vy’uburuhuko. Abo bana rero baba bari mu mirwi itandukanye. Mu ntango, abo bana baza atanakimwe bazi, ariko inyuma y’amezi abiri gusa, usanga baba bageze ku ntambwe idasanzwe. Ibikoresho (balles na requettes) biba bihari kugira abo bana bashobore gukina atankomanzi, ariko rero nabo basabwa kwizanira icupa ry’amazi hamwe n’igitambara c’ukwihanagura.

Shabani amenyesha ko imyaka itanu ari myiza kugira umwana ashobore kumenya uwo mukino. Abandanya avuga ko baravye ibiharuro, ku myaka 15 na 17, ariho umuntu aba ari ku rugero rwiza muri uyo mukinowa tennis. Hussein Shabani asaba abavyeyi kurungika abana babo, kugira bigishwe urwo rukino mu gihe c’uburuhuko. Amenyesha ko uyu mwaka bashoboye kuronka abana bashika kuri 75. Avuga kandi ko ku ndwi ku ndwi, umwana ariha amafaranga ibihumbi cumi na bitanu, ibihumbi 45 ku kwezi, canke ibihumbi 60 mu mezi abiri. Avuga ko mu gihe c’amashure, urwo rukino ruzobandanya, aho umwana azofata amasaha atatu ku ndwi ku ndwi y’ugukina. Izo nkino rero, zikazobera muri Water Front (Novotel). Abavyeyi rero bakaba bashobora gusaba umwanya wose bipfuza ko abana babo boja gukinirako, kuko kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, imyimemyerezo izoba kuva igihe c’isaha icenda gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Mu gihe c’impera z’indwi, Shabani avuga ko, ku munsi wa gatandatu izo nkino zitangura kuva isaha indwi, gushika isaha icumi na zibiri, nayo ku munsi w’Imana, izo nkino zitangura kuva isaha zitatu z’umurango, gushika isaha zitandatu.

Kuri urwo rutonde rugira kabiri guswe : « Tennis academy - programme scolaire », ukwiyandikisha ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu 50000, ku kwezi. Izo nkino rero zikaba zituma, abana bazoserukira Uburundi baba barategurwa hakiri kare, nk’uko bishikirizwa na Hussein Shabani, umwe mu bamenyereza b’urwo rukino.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.