IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Tennis > Rafaël Nadal yasubiye kuba nomero 1 muri Tennis

Rafaël Nadal yasubiye kuba nomero 1 muri Tennis

samedi 5 Gitugutu 2013

Umukinyi wa Tennis, Rafaël Nadal akomoka muri Espagne yasubiye gufata ikibanza ca mbere mu rutonde rw’abakinyi b’uwo mukino kw’isi. Aho ni inyuma yo gutsinda urukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Tennis ry’i Pékin. Ico kibanza yagiheruka mu mwaka w’ 2011.

JPEG - 28.9 ko
Rafaël Nadal

Rafaël Nadal yasubiye mu kibanza ca mbere ku rutonde rw’abakinyi ba Tennis kw’isi. Ico kibanza akironse inyuma yo gutsinda Toma Berdych mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Tennis ry’i Pékin. Urwo rukino rwamuhuje na Berdych akaba yarutsinze kubera uno yarahejeje gukomereka. Ico kibanza ca mbere yari yagitakaje muri Mukakaro 2011.

Nadal afise imyaka 27 yiteguriye urukino rwa nyuma ruzomuhuza na Novak Djokovic yahorana ikibanza ca mbere. Rafaël Nadal yagize umwaka w’2012 mubi biturutse ku gikomere camutumye amara amezi 7 ataja mu mahiganwa mpuzamakungu. Kuva asubiye kwitaba amahiganwa muri Ruhuhuma 2013, amaze gukina inkino 12 zanyuma z’amahiganwa 13 yitavye.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.