IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Tennis > Marion Bartoli yahagaritse kwitaba amahiganwa ya Tennis

Marion Bartoli yahagaritse kwitaba amahiganwa ya Tennis

jeudi 15 Myandagaro 2013

Marion Bartoli, nimero 1 mu Bufaransa muri tennis, yatangaje ko ahagaritse ugukina mu mahiganwa ya tennis. Ivyo bikaba vyatangaje benshi cane kuko haheze indwi 2 zonyene atwaye igikombe ca Wimbledon, ihiganwa rya tennis ryo mu Bwongereza.

JPEG - 6.1 ko
Marion Bartoli ariko atangaza ingongo yiwe yo guhagarika kwitaba amahiganwa

Umufaransakazi akina urukino rwa tennis, Marion Bartoli, yamenyesheje ko ahagaritse ukuja mu mahiganwa y’abakina tennis nk’akazi kabo ka minsi yose. Ivyo yabitangaje inyuma yugutsindwa mu rukino rwa muhuje na Simona Halep. Akaba yabitangaje afise agahinda kennshi. Iyo ngingo y’uwo mukinyi w’imyaka 28 ikaba yatangaje abantu benshi kuko batari bavyiteze. Kukaba nkako, haheze indwi 2 zonyene atwaye igikombe c’ihiganwa rya tennis, Wimbledon, ryo mu Bwongereza.

JPEG - 12 ko
Marion Barloti aho yatsinda ihiganwa rya Wimbledon

Maze gukomereka kenshi kuva uyu mwaka utanguye. Naragerageje uko nshoboye kwose, inguvu zanje zose mperezako maze ndatwara ihiganwa rya Wimbledon. Indoto zanje rero narazishikanye kandi iyo ntsinzi ntizomvirira. Ubu numva ntashaka guhata kandi ubushobozi bw’umubiri wanje kuko nsa nuwusaba amananiza umubiri wanje”, ukwo niko Marion Bartoli yagize mugutanga impamvu yafashe ingingo yo guhagarika kwitaba amahiganwa.

JPEG - 8.4 ko
Marion Bartoli mu rukino

Uwo mufaransakazi akaba ariwe yarafise inomero ya 1 mu rukino rwa tennis mu gihugu c’Ubufaransa. Nkuko yavyivugiye, yamenyeshejeko iyo amaze iminota 45 canke isaha 1 ariko arakina yumva umubiri wiwe wose uriko uratonekara.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.