IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Kayanza:Abantu 3 barishwe n’abantu bataramenyekana

Kayanza:Abantu 3 barishwe n’abantu bataramenyekana

mercredi 16 Nzero 2013

Abantu batatu barishwe mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri
Abo bantu bagandaguriwe ku mitumba itatu yo muri komine Rango mu ntara ya kayanza. Umwana na nyina biciwe ku musozi wa Ruginga. Uwa gatatu yaguye ku mutumba wa Nyabibuye.

Babiri ba mbere ntawamenye ababishe. Uwugira gatatu, abamwishe nk’uko amakuru dukura aho muri komine ya Rango abivuga bamusanze aho yariko arivuna akanyota baca bagenda bakomerekeje n’uwundi muntu umwe mubari mu bunywero bumwe na nyakwigendera.

Ku musozi witwa Gipfuvya naho hari umuntu umwe yakomerekejwe, ibintu bitari bike navyo biribwa. Ababa muri zone Rango ya komine Rango intara ya kayanza. Ahabereye ubwo bwicanyi abantu bamenyesha ko abo bantu bagandaguwe n’akagwi k’abantu bitwaje ibirwanisha kataramenyekana.

Musitanteri wa komine Rango amenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abakoze iryo bara bamenyekane maze bafatwe bakubitwe inatahe mu gahanga.

Gushika kuri uyu wa kabiri, abantu bagera kuri batatu n’ibo bari bamaze gufatwa n’igipolisi kumvo z’amatohoza. Nta n’umwe aramenya namaba ari ubugizi bwa nabi busanzwe canke naho ari ukwihora.

Intara ya akayanza niyo ya mbere irimwo abantu benshi mu gihugu c’u Burundi ariko amatati y’amatongo ntakunda gutuma abantu bicana nk’uko bihora bivugwa mu zindi ntara zimwe zimwe. Eka nta n’imigwi y’abasuma bitwaje ibirwanisho ikunda kuhibonekeza.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.