IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Nelson Mandela ari mu bitaro kuva kuri uyu wa gatandatu

Nelson Mandela ari mu bitaro kuva kuri uyu wa gatandatu

dimanche 9 Kigarama 2012

Ku myaka 94,Nelson Mandela yarwanije intwaro ya karyanishamiryango muri Afirika y’epho ari mu bitaro kuva kuri uyu wa gatandatu, ariko asuzumwa n’abaganga nkuko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu abimenyesha.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo Nelson Mandela afise imyaka 94,ari mu bitaro vy’I Pretoria kuva kuri uyu wa gatandatu kugirango agirirwe ibipimo bimwe bimwe. Ariko nkuko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu Jacob Zuma abimenyesha avuga ko atacotuma abantu bagira ubwoba kuko amagara y’uwarwanije intwaro ya karyanisha miryango yifashe neza.

Nkuko iryo tangazo ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo ribandanya ribimenyesha, Mandela azoguma ariko arakurikiranwa ku mwanya ku mwanya ibisanzwe umuntu afatiye ku myaka Nelson Mandela afise uno munsi. Babandanije bamenyesha ko uwo yaronse agashimwe kitiriwe amahoro Prix Nobel de la Paix yaheruka mu bitaro mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze.

Inyuma y’ububabare bwo mu gice c’umugongo, Nelson Mandela yaragiriwe ibipimo vyerekana uko ibice vyo mu mugongo vyifashe ubu. Nelson Mandela akaba yatwaye Afirika y’epfo kuva mu mwaka 1994 gushika 1999 inyuma y’imyaka 27 yamaze mu munyororo kubera kurwanya intwaro ya karyanishamiryango.
Mu mwaka wa 1993, yararonkejwe agashimwe kitiriwe amahoro ari kumwe na Willem de Klerk kuko bashoboye gushikana igihugu ku ntwaro ya democratie.

Nelson Mandela akaba atari bwasubire kuboneka cane inyuma y’inkino za nyuma z ‘igikombe c’isi yose zabereye mu gihugu ciwe mu mwaka wa 2010. Nelson Mandela akaba yaravuye mu gice yavukiyemwo kitwa Ounu mu ntara ya Cap oriental ku birometero vyababa 900 mu bumanuko bw’igisagara Pretoria.
Ubu akaba aronka abaza kumugendera, uwuheruka akaba ari umunyamabanga wa Reta Zunze ubumwe za Amerika Hillary Clinton yari yatumiwe gusangira nawe mu kwezi kwa Myandagaro guheze.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.