IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Nta gahengwe ku bisuma n’abanyamahanga batagira ibibaranga

Nta gahengwe ku bisuma n’abanyamahanga batagira ibibaranga

vendredi 14 Kigarama 2012

Ikibanza kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura iruhande ya kiyosike ya BRARUDI haguma hari abapolisi benshi. Bamenyesha ko bashaka gufata abantu batagira ibibaranga, ibisuma n’abanyamahanga batagira impusha zo kuba mu Burundi.

Kuva ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 12 kigarama 2012, abapolisi benshi baribonekeza mu gisagara hagati ca Bujumbura. Ubasanga impande ya kiyosike bakunda kwitirira ishirahamwe Brarudi rikora ibinyobwa « Kiosque Brarudi » iri impande y’isoko nkuru ya Bujumbura. Ubu ico kibanza bakaba bagikikije n’umugozi kugirango umuntu wese ntiyinjirire aho ashaka.

Abo ba polisi baguma baka ibibaranga abantu bose barenganye. Mbere n’abagomba kugura agafanta ko kwivuna inyota bikaba bitaborohera kwinjira muri ico kibanza.

Umuvugizi w’igipolisi c’u Burundi, komiseri Eliya Bizindavyi, arahumuriza abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura. Avugako igikorwa batanguye kijanye n’akazi kabo ka minsi yose. Muri iki gihe hegereje iminsi mikuru irangiza umwaka (ivuka rya Yezu Kristu n’umwaka mushasha 2013) ngo bagiye kubirwiza kugira ngo batuze ubusuma bwimonogoza muri ico gihe. Vyongeye, ngo bashaka gutora abanyamahanga bose baba aha mu gihugu batabifitiye uburenganzira.

Komiseri Bizindavyi amenyesha ko n’uwuba yibagiriye imuhira ibimuranga, araterefona bakabimuzanira hama akabona kurekurwa akabandanya ibikorwa vyiwe. Abasuma nabo bafashwe baraheza bagahanwa hisunzwe amategeko.

Kubavuga nabo ko ari abanyamahanga, baraheza bakabashikiriza abaserukira ibihugu vy’abo mu Burundi uwo basanze bidakenewe ko aguma ngaha bagaheza bakamurungika iwabo. Mu bahagaritswe hakaba harwiriyemwo abanyarwanda n’abo muri repubulika iharanira demokarasi ya Congo, ibihugu bibiri bihana imbibe n’u Burundi.

kw’ifoto : kuri kiyosike ya BRARUDI hagati mu gisagara ca Bujumbura


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.