IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi n’u Buhindi:Akari mu mpene niko kari no mu ntama

U Burundi n’u Buhindi:Akari mu mpene niko kari no mu ntama

samedi 29 Kigarama 2012

Igihugu c’u Burundi ni c’u Buhindi birasa nk’amahasa muvyerekeye ihohoterwa ry’abakenyezi bafashwe ku nguvu. Abakenyezi benshi bo muri ivyo bihugu ntibubahuka gushengeza ababakoreye iryo bara. Inyamiramabi nazo nyene bakabasaba ngo babahe indishi y’akababaro bahebe urubanza canke bemere kubakana n’uwabakoreye ivyamfura mbi.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 kigarama 2012, umwigeme w’umuhindikazi afise imyaka 17 yariyahuye anyoye uburozi kubera umupolisi yaguma amwumvisha ko yoheba urubanza yari yashingishirije umurwi w’abantu bamushurashurije rimwe. Akaba yamuhanura mbere kubakana n’umwe muribo. Iryo shano ribishe barimukoreye igenekerezo rya 13 munyonyo 2012 bari mu birori i Diwali mu karere ka Patiala muri Reta ya Pendjab.

Ugushurashuriza rimwe umwigeme bikaba vyariraye muri ico gihugu c’u Buhindi kuko n’igenekerezo rya 16 kigarama 2012 hari uwundi vyashikiye i New Delhi afatiwe mu modokari yunguruza abantu. Akaba yahavuye yitaba Imana kuri uyu wa gatatnu italike 28 Kigarama 2012.

Inyuma yaho uwo w’imyaka 17 yiyahuriye, umupolisi umwe akaba yarahagaritswe mu kazi kuri uyu wa kane muri Reta ya Chhattisgar kubera yanse kwakira urubanza rwiwe. N’abantu 3 harimwo babiri bikekwa ko bari mubakoze ico caha n’umupfasoni yoba yarabafashije barahagaritswe.

Umushikiranganji wa mbere w’u Buhindi Manmohan Singh akaba yamenyesheje kuri uwu wa kane ko amategeko yogukingira abagore ashobora gusubirwamwo.

Naha mu Burundi hakaba hariho abajenjwe intwaro bo hasi cane cane hamwe n’abapolisi bahimiriza kenshi abafashwe ku nguvu ngo babahe amahera bace babiheba canke bemere kubakana n’ababibakoreye.


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.