IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru w’igihugu yabwiye ijambo abarundi

Umukuru w’igihugu yabwiye ijambo abarundi

mardi 1er Nzero 2013

Petero Nkurunziza yashimye igikorwa c’umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo,yongera asaba impunzi zikiri mu gihugu hagati gutahuka.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ijambo abarundi ari i Ngozi. Yavuzeko yifurije umwaka mwiza w’2013 umwaka w’amahoro, w’amata n’ubuki.

Petero Nkurunziza yaboneyeho akaryo ko gushima yivuye inyuma igikorwa c’umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Yavuze ko uwo mugwi ukora neza cane kuko ngo washoboye kwakira amatati arenga 3300 muri uyu mwaka w’2012, ngo ico cerekana ko abanyagihugu bawizera . Yasavye musenyeri Serapion Bambonanire arongoye CNTB kwima amatwi abanegura ibikorwa vy’uwo mugwi .

Naho bi uko, umugambwe UPRONA ntubibona uko. Charles Nditije arongoye UPRONA abona ko umukuru w’igihugu akorera ku vyegeranyo bitari vyo. Asaba umukuru w’igihugu gutuma abahanuzi biwe kwishikira ku kibuga bakibonera ingene abasangwa n’abahungutse batarabana ryiza. Ngo umugwi CNTB uhengamira ku bahungutse gusa,abasangwa nabo bakanyagwa amatongo yabo .

Iikndi umukuru yashimikiyeko, yasavye impunzi zikiri mu gihugu hagati gutahuka vuba. Yvuze ko atagituma boguma mu buhungiro kuko umutekano uhari, yabasavye kwankira abababuza gutaha,agashimira abamaze gutahuka .

Ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwahitanye abatutsi barenga 100 i Bugendana mu ntara ya Gitega rivuga ko hataragera ko batahuka kuko ata mutekano uhari aho bahunze bava. Ngo batinya kubera ababiciye ababo batahanwe, ngo bazorindira hajeho umugwi wo kumneya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR.

Abasigaye bakiri mu makambi y’impunzi ni abatutsi gusa bari mu ntara za Gitega,Kayanza na Ngozi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.