IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru w’igihugu yagendeye ihinguriro ry’imiduga i Teheran

Umukuru w’igihugu yagendeye ihinguriro ry’imiduga i Teheran

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Iran, Nyen’icubahiro Petero Nkurunziza yagendeye ihinguriro ry’imiduga ryitwa «Saipa », kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza, riri mu gisagara ca Téhéran mu gihugu ca Iran.

JPEG - 55.3 ko

Nyen’icubahiro Petero Nkurunziza yagendeye iryo shirahamwe ku butumire bw’abategetsi ba Iran bashatse kumwerekana intambwe igezweko mu vy’ubuhinga bwo gukora imiduga, aho ico gihugu gitegekanya kwagura amasoko mu bihugu vya Afrika na cane cane mu gihugu c’Uburundi.

Ku makuru bakuye ngaho, Saipa aharura abakozi ibihumbi 40 ikaba ikora imiduga ibihumbi amajana abiri ku mwaka. Mu baguzi baryo harimwo Irak aho ihora igura yo yonyene imiduga ibihumbi ijana mu mwaka uheze hagakurikira siriya hamwe na venezuela .

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashimiye Irani kubw’ico gikorwa gikomeye ngo ni imoteri y’ubutunzi bw’igihugu , Irani ikaba ishaka gushwara n’amasoko yo mu karere k’ibiyaga binini ngo mu Burundi barahawe ikaze .’’ivyo vyoshobora kugira ico bifashije k’ubutunzi bw’igihugu cacu hamwe no gutuma ubuzi buboneka n’ivyo yabonye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.