Accueil > Inkino > Karate > Umukuru w’urukino rwa Judo kw’isi ari mu rugendo mu Burundi
Umukuru w’urukino rwa Judo kw’isi ari mu rugendo mu Burundi
dimanche 21 Ndamukiza 2013
Nicolas Messner wo muri FIJ ari mu rugendo i Bujumbura kuva kuri uyu w’Imana igemekerezo rya 21 Ndamukiza 2013. Messner akaba arongoye urukino rwa judo kw’isi.
Umushingantahe Messner akaba yatembereye ububiko bw’ibitabo bwo kw’ishuire ryisumbute rya Kinama,yagendeye kandi umurwi Dojo uri hafi y’ikibuga citiriwe Umuganwa Rwagasore hamwe n’inyubakwa y’ihuriro ry’urwaruka yo mu Gatumba hafi y’urubibe rwa Republika ya Congo.
Umukuru wa Judo akaba yashoboye gukurikirana urukino hagati ya Judokas y’i Burundi hamwe na Judokas y’i Bukavu mu Buseruko bwa Congo.
Urukino rwa Judo mu Burunndi rwifashe neza kuko muma higanwa mpuza makungu y’i Londres 2012,u Burundi bwaritwaye neza be n’upfasoni Odeta Ntahomvukiye.
Egide Nduwimana