IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Karate > Urukino rwa Taekwondo rwateye imbere mu Burundi

Urukino rwa Taekwondo rwateye imbere mu Burundi

jeudi 17 Nzero 2013

Kumunsi w’imana igenekerezo rya 13 nzero uno mwaka turimwo niho haba amahiganwa y’urukino rwa Taekwondo,ayo mahiganwa akaba yabaye muntumbero yo kwakira Alain Prosper Nkurunziza, uwahoze aricegera c’uwarongoye federation ya Taekwondo akaba yari n’umumenyereza w’umugwi w’igihugu w’urwo rukino.Uwo mumenyereza akaba yaje ava mugihugu ca Dubai aho asigaye akorera.

Alain Prospere akaba yatashe azaniye akaganuke bagenzi be ba hano mu Burundi ako nako kakaba kari kagizwe n’ibisanzwe bikoreshwa muri urwo rukino aho ni nk’imyambaro bita DUBOK,imidari,ibikombe, n’ibindi. Ivyo bikoresho bikaba vyatwaye amafaranga angana n’imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi.

Mu ntumbero rero yo kumwakira niho baciye batunganya iryo higanwa aho abakinye neza kurusha abandi bashoboye kuronswa imidari n’ibikombe. Abo nyene bakinye neza kurusha abandi baciye baronswa akaryo ko gushirwa mumugwi nserukiragihugu wa Taekwondo w’u Burundi.

Kubw’icegera c’uwurongoye umugwi nserukira gihugu wa Taekwondo ngo barashima cane iyo nfashanyo kuko urwo rukino ruteye imbere hano mu Burundi ngo ni ikimenyamenya baheruka gutwara igikombe c’isi yose muri urwo rukino. Ngo nico gituma rero bakora uko bashoboye kwose kugira abakinyi babo bagume batera imbere.


Alexandrine Keza

Messages

  • Mugire inguvu zo kwigisha urwaruka uwo mukino mwongera mubasigurira uko bakwiye kwigenza imbere yabandi kuko art martial aho igeze ubu sukwikingira gusa ukoresheje inguvu gusa harimwo na psychologie kumenya uko ubana nabantu birashika ugasanga hariho abatabitahura barondera hanini gutsinda bakoresheje inguvu zabo ariko kubana nabandi bikagorana l art martial est la sagesse superiere de l homme. Ukugira art martial hama ugasanga ariwewe uteza induru muri societe biramaramaje abobana zamubasigurira bamenye ko ari umukino wogukabura ubwonko bukaja kuyindi niveau ntibibaze ko ari guhahaza bagenzi babo ok bonne comprehension

  • Jewendafise iciyunviro inoiwacumuri.interieure turafiseingorane yokubura ingenedukina bivanyenuko ubutegetsi bvavyakirakumwe.mworabaingene mwoganira canke mutubwire ingenetwokora kukoujanye vyangombwa nibakwemerera kandiniyowokiniramuhira iwawe bacabagufata jewenkabanariUMUNYESHURIwa ERUAniweyanyamb4itse centure verteCENTURE bleu nayambitswe NAmetre RANGIRAkuriathen

  • mbega nkaba antraîneu bari muntara zaruguru nabo boronka ibikoresho murukino rwa taekwondo gute kugira natwe duter imbere

  • Jewe Iconosaba Nukwobogabanya Amahera Yo Gupasa Kuko Nimeshi Uri Umunyeshure Usanga Bigoye

  • Je Urukik Rwa Taekwondo N’urukino Nkunda Kurusha Izind Nkino. Ahubwo Bagume Hafi Abo Bakiny Ba Equipe National Ntibasubire Inyuma Mumisi Iri Imbere Batuzanire Ibikombe Nimidari Myinshi Murakoze.

  • Iciyumviro Jewe Nashakakumenya Intambwe Mu Kayanza Taekwondo Igezeko?

  • Nukurinda Shimyecanekwumva Ivyobibera Muburundi Mugabo Ndipfuzako Nomugashikanwa Urworukino Rwoshikayo Kuko Urwo Rukino Rurandyoheracane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.