IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yaciriwe gufungwa imyaka 3

Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yaciriwe gufungwa imyaka 3

mardi 8 Nzero 2013

Sentare isubiramwo imanza ya Gitega yakatiye umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonesha FM n’iradiyo y’abafaransa RFI gufungwa imyaka 3 yuzuye. Sentare ya mbere y’intara ya Cankuzo yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

Urubanza rwari rumaze amezi 3 mu mwiherero muri sentare isubiramwo imanza i Gitega. Kuri uyu wa kabiri italike 8 Nzero 2013 niho rwasomwa. Hassan Ruvakuki yakatiwe gufungwa imyaka 3 yuzuye.

Icaha yagirizwa cahindutse, ubwa mbere yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba hanyuma sentare nkuru y’intara ya Cankuzo ica imukatira gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Mu nyuma Hassan Ruvakuki yarunguruje urubanza arikimwe n’abashingwamanza biwe none ubu naho yagiriwe n’icaha co kuja mu migwi y’abagizi ba nabi bahungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Umuyobozi w’iradiyo bonesha FM amenyesha ko ari umubabaro ntangere. Patrick Nduwimana avuga ko atanakimwe gikwiye gutuma Ruvakuki aguma afunzwe kuko ngo yakoze akazi kiwe ko kurondera amakuru mukuja muri Tanzaniya guha ijambo abagwanyi bagwanya Reta y’u Burundi. Avuga ko abacamanza baremerewe n’ubutgetsi ariko ngo arizeye sentare ntahinyuzwa urubanza ruzokungururizwamwo.

Umushingwamanza w’uwo muùenyeshamakuru aragaya ico gihano kuko ngo yari yiteze ko arekurwa kuko ngo yakoze akazi kiwe ko kurondera amakuru. Maitre Fabien Segatwa aavuga ko agiye kunguruza urubanza. Ariko ngo arizeye ko Ruvakuki azoca arekurwa kuko amaze kurenza ica kane c’igihano yaciriwe. Asaba ko amategeko yokurikizwa Hassan Ruvakuki akarekurwa mu bandi bariko bararekurwa kuko bahejeje ica kane c’igihano mu ntumbero yo kugabanya abanyoror mu mabohero.

Ishirahamwe rihuza abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ rimenyesha ko ryaguye mu gahundwe ryumvise Hassan Ruvakuki atarekuwe. Alexandre Niyungego arongoye UBJ avuga ko vyerekana ko ubwigenge bwo kumenyeshamakuru buriko burahonyangwa izuba riva.

Ubuyobozi bw’iradiyo n’amatelevisiyo yo mu Bufaransa RFI, France24, AFP n’ibindi binyamakuru hamwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF bumenyesha ko bubabajwe n’uko Ruvakuki atarekuwe n’ubutungane. Bamenyesha ko vyerekana ko abacamanza batigenga kuko ngo uwo mumenyeshamakuru yategerezwa kurekurwa kuko yakoze akazi kiwe. Basaba ababuranira Ruvakuki kunguruza urubanza.

Hassan Ruvakuki yahagaritswe n’igipolisi c’iperereza mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011, yaciye mu mabohero menshi harimwo iryo mu Ruyigi, ubusho bw’igipolisi mu Cankuzo, ubu ari mw’ibohero rya Muramvya amaze amezi 13 afunzwe .


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.