IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umwamikazi w’u Bwongereza aribungenze - BBC

Umwamikazi w’u Bwongereza aribungenze - BBC

mercredi 5 Kigarama 2012

Inyuma y’ivyagiye biravugwa ku kw’ibungenga k’umwamikazi w’u Bwongereza Kate Middleton , habonetse inkuru y’akanyamuneza nubwo benshi bagiye bavuga ko ari ingumba ariko noneho vyatangajwe ko yibungenze.

Amakuru dukesha ikinyamakuru BBC n’uko uyo mwamikazi afise imbanyi ikiri nto ,ivyo bikaba vyamenyekanye inyuma yaho agiriye kwa muganga kubera ko yarafise ingorane zijanye no gusama imbanyi. Kugeza ubu ntiharatangazwa nimba uyo mwana ari umuhungu canke ari umukobwa ,ariko igikomezwa kuvugwa n’uko uyo mwami kazi yibungenze.

Iyo nkuru ikaba yashimishije umuryango w’umwami w’u Bwongereza ,ndetse n’incuti z’uwo muryango kuko hari higeze gukwirakwizwa inkuru zivuga ko uyo mukenyezi yoba ari ingumba.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.