IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urunani CAFOB rurarajwe ishinga n’iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi

Urunani CAFOB rurarajwe ishinga n’iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi

lundi 24 Kigarama 2012

Urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB ruri mu rugamba rwo gusaba Reta y’u Burundi ko yoshikiriza abashingamateka amasezerano ya Afirika y’agateka ka zina muntu kuvyerekeye amateka y’umukenyezi ngo bayemeze. Reta y’u Burundi ikaba yayateyeko igikumu mu mwaka wa 2003.

Umushingwamanza Arakaza Albert, avuga ko iyemezwa ry’ayo masezerani rifise inyungu nyinshi mwiyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi. Ngo naho hariho amategeko menshi ajanye n’agateka kiwe, ngo usanga hariho ibintu bimwe bimwe adatomora neza.

Nk’akarorero, ayo masezerano ararekurira umukenyezi canke umwigeme yafashwe ku nguvu gukorora inda yasamye kubera iryo sanganya. Ako kakaba ari akarusho kubw’umushingwamanza Arakaza kuko itegeko rihari ubu rifata gukorora inda nk’icaha gihanwa n’amategeko. Imico y’ikirundi nayo ikabifata nko kuzimanganya ubuzima bwa kiremwa muntu.

Ayo masezerano kandi ngo yemejwe yo kwubahiriza umukenyezi mu bijanye n’ibikorwa vya politike. Mu gihe itegeko rigenga amatora rivuga ko abagore boronka n’imiburiburi ibice mirongo itatu kw’ijana mu nzego z’igihugu, yoyo isaba ingana ry’abagabo n’abagore ku bice 50 kw’ijana.

Ngo hamwe naho Reta yoba irateba kuwemeza ayo masezzerano kubera ibonako ata buryo ifise bwokuyashira mu ngiro vyihuta, Arakaza Albert avuga ko coba ari icitwazo ataho gifatiye kuko ingingo zose ziyagize ngo ntizitegerezwa gushirirwa mu ngiro rimwe. Ngo Reta yoca ihera ku zidasaba uburyo bwinshi canke zidafise izindi ntambamyi.

Asaba rero abamenyeshamakuru hamwe n’abakorera mu mashirahamwe yigenga guterera umuganda muri urwo rugamba kugirango iyo ayo masezerano yemezwe mu maguru masha.

Kw’ifoto: Bamwe mu bakenyezi bari muri CAFOB


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.