Mu gihugu ca Afrika y’Epho hatowe igisigarira c’umuntu bikekwa ko yabaye ku mugabane wa Afrika haraheze imyaka imiliyoni zitatu.
Uwo muntu ari mu bwoko bwataziriwe Homo Naledi, yatowe mw’isenga ry’ibuye riri mu kibanza ndangakaranga k’ akahise gikingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imico kama n’indero UNESCO, i Maropeng mu gisagara ca Johannesburg.
Abashakashatsi bo mu gihugu ca Afrika y’epfo batoye ibisigarira vy’uwo muntu atari azwi kugez’ubu, babisanze biri kumwe n’ibindi vy’ibiremwa 15 (...)
Accueil > Akahise
Akahise
-
Afrika y’Epfo: Hatowe ibisigarira vy’umuntu atari azwi
10 Nyakanga 2015 -
Bob Marley yakwije imyaka 70 y’amavuko, ivyaranze ubuzima bwiwe
6 Ruhuhuma 2015Bob Marley ni umuririmvyi w’umudiho wa Reggae yamenyekanye cane kw’isi kubera ubutumwa yagiye atanga mu ndirimbo ziwe
Robert Nesta Marley azwi cane kw’izina rya Bob Marley, uno munsi yakwijije imyaka 70 y’amavuko, abantu bakaba bacibuka indirimbo ziwe hamwe n’ubutumwa yatanga naho yapfuye.
Bob Marley ni umuririmvyi w’umudiho wa Reggae akomeye cane kandi yagiye amenyekana, yavutse igenekerezo 6 Ruhuhuma 1945 mu gihugu ca Jamayika. Bob Marley yavutse mu muryango ukenye cane, se wiwe yari umuzungu (...) -
Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru (igice ca kabiri)
6 Gitugutu 2014Caga ari kinini
Caga cagutse. Gira Ntare na Ruhiga ntikiramutswa abami babiri kiba gipfuye.
Gira so ntaruta gira ico urya.
Gira so yiturwa iyindi.
Guca mu rwanko ni ukunyaruka.
Guca mu ziko ni ukunyaruka.
Guseka umusore siko kumuhanura.
Gushaza ni ugushinyiriza.
Gusoba ingenda sikwo gushika amahoro. Haguhura n’uwaguhaye wohura n’uwakwimye.
Hagupfa wozanzama uwakubonye akaguha iminwe.
Hagutera icumu nyene Imana worimutiza.
Hakuba twopfa woba nopfa.
Hakuvyara worima.
Hakwishima (...) -
Ifoto y’umunsi
2 Ndamukiza 2014 -
Ubugaragu ku birabure, uko vyagenda n’ingaruka vyazanye
23 Myandagaro 2013Uko umwaka utashe, ku genekerezo rya 23 Myandagaro, ni umusi wahariwe kwibuka urudandazwa rw’abanyafrika bajanwa muri Amerika. Urwo rudandazwa rero ahanini rwakorwa n’abategetsi bo mu bihugu vya Afrika, bagakorana n’abazungu baba abanyaburaya canke abanyamerika. Aha twovuga abongereza, abafaransa, abaturuka mu bihugu vya Hollande hamwe na Portugal, hagati y’intango z’ikinjana ca 16 n’impera z’ikinjana ca 19.
Abo banyafrika barafashije cane mu butunzi bw’ibihugu vya buraya kuko bwaciye bunyaruka (...) -
Imyaka i 110 iraheze uburundi bubuze intahe yo kwikukira
4 Mukakaro 2013Ni ku masezerano yasinywe muri komine kiganda mu ntara ya muramvya ,niho Mwezi Gisabo yashira umukono ko intambara y’abadagi iheze.Mu ri iyo myaka indwi iyo mirwi yose aho yariyiyemeje kurwana ,umwami w’i burundi ,Mwezi gisabo ,aho imyaka yari murembeje atakibasha ,yarabonye ko abadagi bafise ibikoresho vy’ingwano vyinshi kurusha uburundi ku buryo yabona ko babandanije barwana yohaburira abasirikare benshi cane b’uburundi bitwa abadasigana
Kubwo abize kahise ,abadagi ,nabo aho bari ,bari (...) -
Urupfu rw’Umwami Ntare wa V (Karori Ndizeye)
2 Rusama 2013Umwami Mwambutsa wa 4 yasavye umuhungu wiwe Umuganwa Karori Ndizeye afise imyaka 19 gusa y’amavuka ngo aze i Bujumbura gutegura igaruka rya se. Amaze gushika i Bujumbura, yasanze ibintu bitifashe neza namba kuko ama cakubiri y’ubwoko yari yarenze inkombe.
Karori Ndizeye yaciye agena abagize Leta ,ariko aca asaba Misheli Micombero ko yoba umushikiranganji wa mbere, umuganwa Ndizeye yaciye asaba inzego zijejwe umutekano kw’itwararika umutekano w’igihugu eka n’abakibamwo. Niko guca amenyesha (...) -
Ababuze ababo muri 1972 basaba ubutegetsi gushira ukuri ahabona
29 Ndamukiza 2013Mu gihe mu Burundi bariko bibuka imyaka mirongo ine n’umwe(41) iheze abantu isinzi bagandaguwe bunyamaswa bazira ubwoko bwabo, abahurikiye mw’ishirahamwe ryiyemeje kwibuka abahuye n’ivyago no gukinga ubwicanyi, AMEPCI – Gira Ubuntu( Association pour la Memoire et la Protection de l’Humanite contre les crimes Internationaux), batanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, mu gatondo ko kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013, mu nyubakwa za Peace House.
Inyuma y’umunota w’agacerere (...) -
Hari kw’igenekerezo nkiri, 12 Ndamukiza
12 Ndamukiza 20131945: Urupfu rw’umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe za Amerika, Franklin Delano Roosevelt. Aracari uwambere yamaze imyaka myinshi mu mabanga y’Umukuru w’ico gihugu. Imyaka 13.
1961: Youri Gagarine, umurusiya w’imyaka 27 y’amavuko, yabaye umuntu wa mbere yazungurutse isi mu minuta 108, aho yagendera ku kubirometero 327 uvuye kw’isi.
Aho yari mu kigendajuru ciswe Vostok I. Icokigendajuru kikaba carungitswe nikibanza cabigenewe ahitwa Baïkonour mu gihugu citwa ubu (...) -
Ubuzima bwa Hugo Chavez
10 Ntwarante 2013Hugo Chavez yavutse igenekerezo rya 28 Mukakaro 1954 i Sabeneta apfa igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013,i Caracas. Hugo Chavez ni umukuru w’igihugu wa 52 yatwaye igihugu ca Venezuela kuva kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1999 igihe yatembagaza ubutegetsi bwa Carlos Andres Perez.Hugo Chavez yamwagiriza ko agira politike itubaha amatora kandi ko atubaha igisirikare.
Muri co gihe Hugo Chavez yarananiwe gutwara neza bica bituma apfungwa imyaka ibiri.Igihe yari apfunzwe,Hugo Chavez yarakoze ireresi (...)
0 | 10