Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwahoze mu gisirikare c’Uburundi yiyemerera ko ari mu bari begereye umwigeme Zebiya, akaba no mu bajejwe umutekano wiwe. Jimmy NEMEYIMANA yemeza ko Zebiya atakibarizwa muri kano karere ka Afrika y’Ubuseruko, ahubwo ko ageze mu gihugu ca Australiya.
Accueil > Ukwemera
Ukwemera
-
Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu ca Australiya
16 avril 2018 -
Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ntakiri Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
24 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANAMusenyeri Evariste NGOYAGOYE yahora ari Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasubirijwe kuva kuri uwu wa gatandatu. Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yahora ari Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi akaba ariwe yamukoreye mu ngata, ku ngingo yafashwe na Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.
-
Cibitoke-Rugombo : Abayoboke batatu b’idini rya Islam bari mu minwe y’igiporisi
2 janvier 2018Abayoboke batatu b’idini rya Islam bahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2018, muri komine Rugombo,intara ya Cibitoke. Amakuru ava mu Rugombo amenyesha ko bagirizwa gutunganya imyiyerekano.
-
Concert de Louange et d’adoration par BICC
27 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANADans le but de présenter le nouvel album « Yaranesheje » (Il a vaincu), le groupe de Louange Bujumbura International Community Church (BICC) organise un concert Live qui aura lieu Dimanche 5 Novembre au CLM (ex odéon Palace) de 15h30 à 18h.
-
Igiteramo co guhimbaza Imana categuwe na BICC
26 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAMu ntumbero yo gushira ahabona indirimbo nshasha ziri mu rukurikirane bise « Yaranesheje », umugwi wo guhimbaza Imana « Bujumbura International Community Church » (BICC) wabateguriye igiteramo c’agakura kizoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Munyonyo mu kigo ca CLM (Odeon Palace) kuva isaha icenda n’igice gushika isaha cumi na zibiri z’umugroba (15h30 à 18h)
-
Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na "Anti-Christ 666"
11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAPasitori HAKIZIMANA Didier arongoye ishengero rya Adventiste ry’umunsi w’indwi mu ntara ya Bururi apfungiwe mu gasho k’igiporisi kuva kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko akwiragiza imvugo zityoza ishengero rya Ekereziya Gaturika hamwe n’umwungere waryo Papa Fransisko.
-
Umunsi mukuru w’intama wahimbajwe mu gisagara ca Bujumbura
1er Nyakanga 2017Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya mbere Nyakanga 2017, abaislamu bo kw’isi yose bahimbaje umunsi w’Intama Id’El-Hadji. Mu gisabisho cabereye ku musigiti uri muri quartier Asiatique aho benshi bazi nko mu carabu canke kwa Kadhafi, uwari arongoye igisabisho yahamagariye aba islam baronse ivyo guhimbaza umunsi mukuru gusangira n’abatabironse.
-
Abari mw’idini rya "Islam" buca batangura ukwezi kwo kwisonzesha
26 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANAAburongozi bw’idini rya Islamu mu Burundi bwatangaje ko kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2017 ariho amafungo y’ukwezi kwa Ramadhan azotangura.
-
Abayisiramu bahimbaje umunsi witiriwe ugucungurwa kw’imitima
12 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANAAbayisiramu bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru witirirwa uw’intama. Igisabisho c’uguhimbaza uwo munsi cabereye mu bibanza bitandukanye, abayisiramu bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahuriye muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.
Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’abayisiramu mu Burundi, Cheikh Sadiki KAJANDI yamenyesheje mu nyigisho yatangiye mu Gatumba, ko umunsi mukuru w’intama usigura ugucungurwa kw’imitima ikava mu (...) -
Macca : Abantu imiriyoni zibiri bari mu rugendo
12 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANAAbantu bo mw’idini rya Islam baharurwa mu miriyoni zibiri, baturuka mu bice bitandukanye vy’isi, nibo bari muri Arabia Saudite mu rugendo rw’imisi itanu rwama rwabahuje uko mwaka utashe i Macca.
Urwo rugendo rutunganwa mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’intama uhimbazwa kw’isi yose kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Nyakanga 2016.
Igihugu ca Irani uwu mwaka nticitavye urwo rugendo, mu kuvuga ko igihugu ca Arabia Saudite ata bushobozi gifise bwo kwitaho abantu mu bijanye n’amagara yabo hamwe (...)