Inyuma yaho kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018 habaye guhitamwo hisunzwe kwihweza aboja mw’ihiganwa ryitiriwe umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge umwaka wa 2018 mu Burundi,urutonde rw’abigeme bagiye guhiganirwa muri ico kibanza bamenyekanye ariko uyu mwaka abashika 17 nibo bashikanye ibisabwa kugira baje mu gice ca nyuma.
Accueil > Kwidagadura
Kwidagadura
-
Amafoto yabahiganirwa kuba Miss Burundi 2018
1 June 2018, by Jean De Dieu -
Miss Supranational : Umwigeme ava muri Koreya y’Epfo yatahukanye ikibanza ca mbere
2 décembre 2017Umwigeme ava mu gihugu ca Koreya y’epfo yitwa Jenny Kim w’imyaka 24 niwe yatowe nk’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge mw’ihiganwa ryitiriwe Miss Supranational 2017. Muri batanu ba mbere harimwo umwigeme Bitaniya Josef avuka muri Ethiopie ku mugane wa Afirika.
-
Abanyakaranga n’umu Rappeur bo mu Burundi bakoranye ururirimbo
28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANAHaraye hasohotse ururirimbo rwakozwe n’abaririmvyi B Face na Afred na Bernard. Ururirimbo ruvugwamwo amamuko y’ingoma, igihe ca mbere zatanguye kuvuzwa. Urwo ruririmbo rukozwe mu mudiho uvanze ibicurarangisho vya kera n’imidiho igezweho.
-
Umugwi Wifi Entertainment witeguriye gufasha abagendna ubumuga mu kigo Akamuri
25 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANAMu ntumero yo kwitegurira ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe abagenda ubumuga, uzoba kw’igenekerezo rya 3 Kigarama, umugwi Wifi Entertainment wakoze igiteramo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2017.
Ico giteramo kikaba cari kigizwe n’indirimbo z’abcuraranzi, atamvyi b’intambo ya Kizomba, inkuru zitwenza, ihayanisha-gurisha ry’ibikoresho ndangakaranga, impuzu, hamwe n’amashusho. Uburyo bwavuye muri ico giteramo bukazoca bukoreshwa mu gufasha abana bagendana ubumuga bo mu (...) -
Urwaruka rwo mu Kinama rwiyemeje guteza imbere igihugu biciye mu mpano Imana yabahaye
30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAAmashirahamwe APM na ALDP asanzwe afasha urwaruka rwo muri Zone ya Kinama mu guteza imbere impano zabo, yakoze igiteramo kuri uwu wa gatandatu muri yo zone ya Kinama, karitiye ya Ngozi. Ni mu ntumbero yo kwerekana aho urwaruka rumaze imisi rukorera, bigishanya ibjanye n’intambo z’akaranga k’abarundi, intambo za Salsa, n’izindi ntambo, hamwe no gukina amareresi.
-
Umurundikazi yemeza ko yavyaranye na Diamond Platnumz
24 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANAUmurundikazi azwi kw’izina rya Jessica ariko asohora inyandiko zivuga ko amahasa yiwe y’abakobwa yayavyaranye na Diamond Plutnumz, umuririmvyi wo muri Tanzania. Jessica asaba Diamond kumufasha kurera abo bana, ko hamwe yobihakana yiteguriye gutanga ivyemeza vyose ko abo bana yabavyaranye n’uwo muririmvyi rurangiranwa.
-
Kajoline Sona
13 Nyakanga 2017, par Jean de Dieu M.Umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w’umurundikazi
-
Hateguwe urukino hagati y’abamenyeshamakuru b’inkino n’abaririmvyi
12 Nyakanga 2017Umurwi w’abamenyeshamakuru b’inkino bakina umupira w’amaguru uzotana mu mitwe n’umurwi w’abaririmvyi bakina uwo mupira. Intumbero y’urukino ni kurondera amahera yo gufasha abana ba ntaho nikora.
-
Menya umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu Bubiligi
11 Nyakanga 2017Umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w’umurundikazi yaraye atowe mu gihugu c’Ububiligi cabereyemwo igihanwa. Uwo yaraye atewe iteka, agiye gukorera cane cane mu gisata c’uburimvyi, mu ntumbero yo kurwanya ubukene n’inzara mu gihugu ciwe c’amavukiro.
-
"Abavyeyi banje bashaka ko mba umuganga"
5 Nyakanga 2017, par Jean de Dieu M.Umwana w’akayobe kandi agororotse, mu mpuzu zikoze mu gitambara c’igitenge, uwo ni Ritha Marie Ange KUNDUSENGE, umurundikazi yihaye intumbero yo guteza imbere ibikorerwa mu Burundi. Kuba umunyamideri yatanguye kuvyiyumvamwo kuva akiri muto cane, naho abavyeyi batashaka ko kazoza kiwe gatumbera mu mideri.