Umuririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya AHISHAKIYE Jean Marie asanzwe aba mu gihugu ca Australiya amenyesha ko mu minsi ya vuba agiye gushira ahabona indirimbo ziwe zishasha zitatu zose zanditswe mu rurimi rw’ikirundi. Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko izo ndirimbo zose zitanga ubutumwa bushingiye ku buzima bwa minsi yose.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi
umucuraranzi
-
Umuririmvyi w’umurundi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo ziwe zishasha
22 August 2018, by vianney -
Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi
2 juin 2018Umuririmvyi w’umurundi ,Yves KAMIKIWE, yagenywe kuba umuhanuzi mu bijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi, Amical des Musiciens du Burundi.
-
Indirimbo za Bob Marley ziracakunzwe inyuma y’imyaka 37 yitavye Imana
11 mai 2018Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 11 Rusama, abakunzi b’umuziki na cane cane abakunzi b’umudiho wa Reggae baribuka umuririmvyo Bob Marley afatwa nk’umwami w’uwo mudiho.Inyuma y’imyaka 37 yitavye Imana, abatari bake baremeza ko indirimbo za Bob Marley zidata uburyohe, kubera ubutumwa bukomeye yatanga mu ndirimbo ziwe.
-
IKOH ivuga ko hari indirimbo yakoze ziriko zirasohoka hadakurikijwe amategeko
2 mai 2018Ikoh Multiservice imenyesha ko hari indirimbo ziri mu mugambi "You’ll Love Changes", ikigabane ca kabiri ziriko ziraca ku buhinga ngurukanabumenyi hadakurikijwe amategeko, kandi hatari bwagere ko zisohoka, kuko bariko bariga inzira zo kuzisohoramwo. Ikoh Multiservice igasaba amaradiyo canke ibinyamakuru ko bitohanahana izo ndirimbo, ahubwo ko kugira umuziki w’Uburundi ugire agaciro, bofasha kurondera abariko barazihanahana.
-
Adjobalove yasohoye ku munsi w’amavuka yiwe isanamu y’ururirimbo rushasha
11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAUmuririmvyi wo mu mudiho wa "Raggae" Adjobalove asanzwe ahimbaza isabukuru y’amavuka yiwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018 yasohoye amasanamu y’ururirimbo rwiwe "I’m Refugee", bisigura "Ndi impunzi".
-
"Umwuga wo kwandika no kuririmba niwo ugize ubuzima bwanje’’ - Yves KAMIKIWE
27 mars 2018Umwanditsi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Yves KAMIKIWE, amenyesha ko afise icizere ko Uburundi bushobora gutera imbere kubera umwuga wo kuririmba no gucuraranga. Yves KAMIKIWE avuga ko ku ruhande rwiwe, umwansi wiwe, ari uwomubuza kwandika no kuririmba.
-
Umuririmvyi Legend7 arajwe ishinga n’iterambere ry’umuziki w’Uburundi
8 mars 2018Umuririmvyi w’umurundi Legend7,amenyesha ko uguteza imbere umuziki w’I Burundi ukamenyekana no mu mu makungu gusumba uko biri ubu, biri mu bimuraje ishinga.
-
Umukuru w’igihugu yemeye gushigikira igikorwa co kwandika ’’Encyclopédie de la musique burundaise.’’
6 février 2018Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahaye umubonano umuririmvyi Félicien MINANI azwi kw’izina rya Femi De j’Abat,asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abanyamuziki baba mu mahanga, inyuma y’umutraga wo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018.
-
’’Abaririmvyi n’umuziki ni magiriranire’’-Appolinaire HABONIMANA
1er février 2018Umuririmvyi Appolindaire HABONIMANA, asanzwe aririmba mu mudiho w’indirimbo zitazira Imana" Gospel Music, avuga ko abaririmvyi n’umuziki ari magiriranire.
-
Femi de Jabat :« Nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi bitazimangana »
29 janvier 2018Femi de Jabat, umuririmvyi rurangiranwa w’Umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Norvège, kuva kur’uyu wa mberer itariki 29 Nzero 2018,abarizwa I Bujumbura. Mu bimuzanye, igikorwa nyamukuru kikaba ari ugutanguza igitabu kigiye kuzojamwo ibikorwa vy’abaririmvyi.Femi ati nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi batozimangana.