IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umukuru w’igihugu yemeye gushigikira igikorwa co kwandika ’’Encyclopédie de la (...)

Umukuru w’igihugu yemeye gushigikira igikorwa co kwandika ’’Encyclopédie de la musique burundaise.’’

mardi 6 février 2018

Nk’uko amakuru dukesha ibiro vy’umukuru w’igihugu abimenyesha, umukuru w’igihugu yakiriye uwo muririmvyi Félicien MINANI azwi kw’ izina rya Femi De j’Abat mu ntumbero yo gushigikira abacuraranzi.

Ayo makuru amenyesha ko, mu gihe Félicien MINANI ariko akora ingendo mu gihugu zo gutanguza igikorwa co kwandika igitabo ciswe "Encyclopédie de la musique burundaise" kizovuga k’ubuzima bw’umuziki w’Uburundi n’abanyamuziki b’abarundi, umukuru w’igihugu yemeye kuzoshigikira ico gikorwa.

Ashigikiwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Félicien MINANI yatanguje ku mugaragaro igikorwa co kwandika igitabo ’’"Encyclopédie de la musique burundaise".’’, kuwa gatatu igenekerezo rya 31 Ruhuhuma 2018, mu gisagara ca Bujumbura.

Ico gikorwa nyene yarakibandanirije mu gihugu hagati, akaba yaragikoreye mu ntara ya Gitega, aho yahuye n’abaririmvyi bava mu ntara za Gitega, Cankuzo, Ruyigi, Mwaro, Karusi na Muramvya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.