Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kugwanya ingwara y’igisukari wahimbajwe kuruno wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo umwaka wa 2018 mu Gatabo muri komine Kiganda intara ya Muramvya.
Accueil > Amagara y’abantu
Amagara y’abantu
-
Umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya igisukari wahimbajwe mu gihugu
14 November 2018, by vianney -
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashikirije ibigiye gukorwa mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019
8 November 2018, by vianneyUbushikiranganni bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bumenyeshako mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 bugiye gutanguza isekeza ryo gucandaga kugira bakinge ingwara ya Mugiga yo mu murwi witwa A ( Méningite de serogroupe mu gifaransa).
-
Prosper MUYUKU:“ ibice 14 kw’ijana vy’abana barapfa kubera kudakaraba amaboko n’isabuni.”
26 October 2018, by vianneyUmukuru w’igisata kijejwe isuku n’amazi meza mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida ,Prosper MUYUKU amenyeshako ibice 14 kw’ijana vy’abana aribo bapfa bivuye ku ngwara zitumwe no kukudakaraba amaboko n’isabuni.
-
Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA aremeza ko hari ibura ry’imiti imwimwe
14 July 2018, by vianneyUmushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya Sida ,Thaddée NDIKUMANA amenyeshako naho hibonekeza ibura ry’imiti imwimwe mu gihugu bafashe ingingo hamwe n’intumbero kugira imiti nkenerwa igume iboneka k’urugero rukwiye.
-
Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”
13 July 2018, by vianneyUbushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ingwara ya Sida bumenyeshako mu mezi atatu aheze bwashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”.
-
Abanywa itabi batera akamo abatarinywa kutarikoza mu kanwa
31 mai 2018Bamwe mu basanzwe banywa itabi, bamenyesha ko bipfuza kuriheba ariko bibagora kuvavanura naryo kuko uwumaze kurinywa bitamworohera kugira arihebe. Bagasaba ko uwutaratangura kurinwa, atobikora kuko ari ribi kandi rigoye guheba.
-
Abantu benshi barihenda ku bijanye n’ibitera vy’ukuri ingwara ya "Cancer"
29 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAAbantu benshi barihenda ku bijanye n’ibitera vy’ukuri ingwara ya cancer. Nk’akarorero ka hafi, kubw’ ivyirwa vyagiye birakorwa n’abahinga, vyerekana ko abantu benshi bazi ko kunywera mw’icupa rya "plastique", gushusha ivyo gufungura muri ca cuma gikoreshwa n’umuyagankuba "mirco-onde" biri mubitera ingwara ya cancer ariko sivyo.
-
Ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika ryatanguje isekeza rigira umunani ry’ugucandaga
25 avril 2018Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS mu karere ka Afrika, riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana Unicef, bari kumwe n’abandi bakorana mu gisata c’amagara y’abantu,nk’ishirahamwe ryitaho ivyo gutanga incanco GAVI, ryatunganije isekeza rigira umunani ryo gucandaga. Iryo sekeza rikaba ryatanguye kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, rizohera kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018.
-
Umwana umwe arapfa uko iminota ibiri iheze kubera Malaria
17 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANAInama ihuza ibihugu vya Afrika ku kibazo ca malaria yaruguruwe icese kuri uwu w’imana igenekerezo ya 15 Ndamukiza mu gisagara ca Dakar mu gihugu ca Senegal. Iyo nama ikazorangira igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2018.
-
Ubugumba ni imwe mu ngaruka z’ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina
27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANAIngwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina harimwo Sida, hepatite, syphilis n’izindi ziracariho mu Burundi. N’aho zisa n’iziriko ziragabanuka kubera ubwigoro bwa Reta mu guhimiriza abantu ku vyerekeye mwene izo ngwara ziri mu zifise uruhara runini ku vyerekeye irondoka, haba kumugore canke ku mugabo, ingaruka zazo zibandanya kwibonekeza.