IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanywa itabi batera akamo abatarinywa kutarikoza mu kanwa

Abanywa itabi batera akamo abatarinywa kutarikoza mu kanwa

jeudi 31 mai 2018

Umwe mu banywa itabi yaganiriye n’ikinyamukuru “IGIHE” yavuze ko, umuntu yaranyoye itabi bigora kugira arihebe kuko ata munsi wohera atumvise inyota yaryo.

Uwo asanzwe anywa itabi yavuze : “Waranyoye itabi riragoye guheba,ingaruka zaryo ndazizi ariko biragoye hamwe noronka umuti wo kuriheba vyonryohera.

Uwundi nawe yavuze ati : “Maze gukora ibintu vyinshi ariko vyaranse ko ndariheba.”

Umwe mu batanywa itabi yaganiye n’ikinyamakuru “ IGIHE ” yavuze ko itabi ritera ingwara nyinshi, ataco ryinjiza mu mubiri abarinywa bakwiye kuriheba.

Abo basanzwe banywa itabi batera akamo umuntu ataranywa itabi kutahirahira ngo arinywe kuko rimeze nk’uburozi umaze kurinywa utariheba.

Umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wama uhimbaza kw’igenekerezo rya 31 Rusama buri mwaka, hano mu gihugu cacu ukazohimbazwa ejo ku munsi wa gatanu kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Umuti waryo uriho.
    Ikibazo nuko turirwanya tukongera tukaritozako ama taxes ! Hamwe rimwe ryogurwa igihumbi abantu benshi boriheba.
    Leta nibuze kuririma
    Amahinguriro yaryo yugarwe urabeko bitagabanuka !

  • Intererano yacu ni ukumenyesha abagerageje guheba itabi bikanka ko umuti twawuhinguye (Kigarama 2014) kandi umaze gufasha benshi hano mu gihugu no mukarere. Witwa Niconat wahinguwe n’ishirahamwe AOFC (African Oléo Food and Cosmetics), www.niconat.biz, 257 69 850 557(Whatsapp).Tugire amagara azira itabi.

  • JEWE NIPFUZA KO IVYO KURIDUZA AMAKORI VYOHAGARARA KUKO RETA IBA IRIKO IRATUDANDAZA KUKO NTIBOREKA KURIHA NUBWO BODUZA AMA TAX

  • Andika hano Jewe Naranyoye Itabi Ariko Nara rihevye Kuriheba Nuku Jewe Naryishizemwo Nabi Ndumva Koryica Amahaha Ndishiramwo Ko Rintera Kubabara Mugikiriza Nukuvuga Ubonye Abadometse Itabi Bavemwo Ugende Ushatse Itabi Gura Jojo Canke Imbombo Bihera Buke Buke Gikuru Murivyo Wame Ahuri Hose Uryishiremwo Nabi Uzobona Kwaruburozi Umutima Wawe Ntuzakwemerera Kunwa Uburozi Bwica Nuko Nahevye Itabi Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.