Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi, Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kuba mu biro nshingwabikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika.
Accueil > Inkino
Inkino
-
Umurundikazi yatowe kuja mu rwego nshingwabikorwa rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino muri Afrika
9 mai 2018 -
Abigeme biruka bafise imero z’igihungu basabwe gufata imiti yo kugabanya iyo mero
27 avril 2018Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi ryasavye ko abanonotsi b’abigeme biruka imetero 800 n’imetero 1500 bafise imyifato nk’iy’abahungu, ko bofata imiti igabanura iyo myifato, imbere y’uko biruka.
-
Uburundi bwakiriye inama ya 36 ya Rotary Club
26 April 2018, by Jean De DieuUburundi bwakiriye inama igira ya 36 y’ishirahamwe Rotary Club igizwe n’ibihugu 36 birimwo uturere 9150 tw’iryo shirahamwe. Bimwe mu bizokwihwezwa bikaba bijanye n’amahoro hamwe n’iterambere rirama.
-
Gaston SINDIMWO "Abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho bavyerekaranira"
19 April 2018, by Jean De DieuIcegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yishikiye kuraba ibikorwa vy’inyubako “Stade Olympique” y’ishirahamwe CEPEB (Association du coup d’envoi pour l’Espoir au Burundi) kugira arabe aho bigeze.
-
NIZIGIYIMANA Karim Mackenzie agiye kwubaka biciye mu mategeko
22 mars 2018Umukinyi w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, NIZIGIYIMANA Abdoul Karim azwi kw’izina rya Mackenzie asanzwe akinira umurwi Gor Mahia wo mu gihugu ca Kenya, agiye gushinga urugo imbere y’amategeko n’umukenyezi wiwe MUTUYIMANA Nadjma.
-
FIFA : Uburundi bwagumye mu kibanza c’143 ku rutonde rw’ukwezi kwa mbere
16 février 2018Uburundi bwagumye ku kibanza ca 143 ari naco bwahoramwo mu kwezi kwa mbere, ku rutonde ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama risohora uko ukwezi guheze.
-
Abakina "Jeux d’Echec" bavuga ko batitaweho ku rugero rukwiye
8 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANAUrukino rwa "Jeux d’Echec" rusanzwe rukinwa cane cane mu mashure yisumbuye, ngo ntirwitaweho. Wilfried NTAMATUNGIRO asanzwe ariwe afise ikibanza ca mbere ku rwego rw’igihugu, avuga ko abakinyi ba "Jeux d’Echec" batitaweho ku rugero rushimishije.
-
Makamba : Umukuru w’igihugu yuguruye insamirizi nshasha Aigle Sport FM
26 octobre 2017Mu rugendo arimwo mu ntara zo mu Bumanuko bw’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yuguruye ku mugaragaro kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017 insamirizi nshasha "Aigle Sport FM".
-
’’Gukorera mu muco biri mu migambi yacu mw’ishirahamwe AJSB’’-Liliane NSHIMIRIMANA
26 Nyakanga 2017Umukuru mushasha w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB Liliane NSHIMIRIMANA amenyesha ko mu migambi yihutirwa agiye gushira imbere harimwo kunagura ishirahamwe babanje gushiraho amategeko agenga ishirahamwe n’abanywanyi b’ishirahamwe bisunze itegeko rigenga amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu.
-
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB riramutswa abarongozi bashasha
25 Nyakanga 2017Kuva kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017 ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB riramutswa abarongzi bashasha. Uwugiye kurirongora ni umukenyezi Liliane Nshimirimana.